IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isozerwa ry’iminsi yahariwe urumuri rw’amahoro

Isozerwa ry’iminsi yahariwe urumuri rw’amahoro

jeudi 4 Nyakanga 2014

Mw’isozerwa ry’ibikorwa vyari bimaze iminsi, vy’urumuri rw’amahoro, intara ya Ngozi niyo yahereje mu kwakira urwo rumuri rw’amahoro, aho ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mu minsi igera kuri 13 y’ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro, intara ya Ngozi niyo yasozereye ico gikorwa caranguriwe mu ntara 17 z’Uburundi. Muri ico gikorwa c’ukuzungurukana urumuri rw’amahoro mu gihe Uburundi bwari bumaze imyaka n’imyaka mu ndyane z’amoko n’ibindi, hakaba haciye hubakwa n’amashure aho amabati agera ku 115000 yatanzwe nk’uko vyavuzwe n’umukuru w’igihugu.

Mwomenya ko muri ivyo bikorwa, amabati agera ku bihumbi 52 yashoboye gusakara amazu n’ibirwati vya kijambere bigera ku 1240, nayo amabati arenga ibihumbi 60 akaba yubatse izindi nyubakwa zitandukanye zikenerwa mu buzi butandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.