IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isukari yasubiriye kuba akananirabahinga mu Burundi

Isukari yasubiriye kuba akananirabahinga mu Burundi

lundi 27 Rusama 2013

Isukari yasubiriye kuba kananirabahinga mu gisagara ca Bujumbura, kuko haraciye nk’iyinga zishika kuri zibiri, abantu barondera isukari mugabo ntibayironke.

Abidoga ko batayironka si abagura ku kiro gusa, ariko n’abadandaza barangura nabo nyene bavuga ko batayironka bakibaza ko ingorane yoba mw’ishirahamwe rihingura isukari rya mu gihugu ariryo SOSUMO.

Twabajije abandandaza batari bake ba hano mu gisagara ca Bujumbura, batubwira ko nabo nyene batumva ukungene batayironka.
Nko ku tuguriro twagiye turacako kubaza ico kibazo c’isukari , nka « Alimentation Fee du Logis », batubwiye ko isukari batakiyironka, haciye iminsi itari mike. Kuri “Alimentation Umuco “, naho nyene ntayari ihari, kakaba kari akaguriro gasanzwe kagurisha isukari ku giciro ca SOSUMO nyene ku mafaranga 1850 y’amarundi.
Bakaba batubwiye ko SOSUMO yabasavye gutenyenya, inabizeza ko igiye kuboneka mu minsi mike.

Mugabo n’aho biri uko, ntibumva ukungene batakironka isukari mu gihe hari abayifise bayitanga no kugiciro c’umurengera.

Mu tundi tuguriro duto duto twagiye turacako, naho nyene twasaze ari uko nyene, mbere hari n’abatubwira ko bahevye kuyidandaza kuko batakiyironka kubayiranguza canke iyo bayironse naho, bayironka ku giciro kizimvye bagaca banka gukorera ku gahombo.

Ahandi naho batubwira ko ivy’isukari vyabayobeye kuko batumva ukungene bamwe bayironka bayironkejwe n’ishirahamwe SOSUMO abandi ntibayironke uko bitegerezwa.
Ikindi kibabaza abandandaza n’uko abaranguza bayitanga ku mahera menshi bigaca bituma nabo baduza igiciro kirengeye kuca SOSUMO, kuko bobo namba umufuko w’isukari bawuguze amahera ari hagati y’ibihumbi ijana (100 000) n’ibihumbi ijana na mirongo ibiri (120 000), baca bayigurisha ku giciro kiri hagati y’ibihumbi bibiri (2000) n’ibihumbi bibiri n’amajana atanu (2500).

Aho naho ntibaheza bakaronka abaguzi kuko bumva ko yazimvye.
Bagasaba ko Leta yotomora neza ikibazo c’isukari, namba bikwiye ko iduzwa igiciro, vyotangazwa ku nsamirizi kugira abantu bose bavyumve, ishirahamwe SOSUMO naryo rikabimenyesha iyo isukari yakenye mu bubiko kugira abayikenera bamenye uko nabo bavyifatamwo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.