Accueil > Amakuru > u Burundi > Itangazo ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka kw’isanganya (...)
 Itangazo ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka kw’isanganya ry’umuriro
 Itangazo ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka kw’isanganya ry’umuriro
				
				mardi 29 Nzero 2013
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Nzero umwaka w’2013,inama nshingamateka na nkenguzamateka y’u Burundi zarasohoye itangazo kubijanye n’umuriro watikije ibintu mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Muri iryo tangazo, inama nshingamateka na nkenguzamateka basaba Leta ko yogira amatohoza kugira bamenye ica tumye uwo muriro waduka, basaba kandi  ko yokora ibishoboka vyose kugirango amasanganya nkayo ntazosubire kw’ibonekeza mu Burundi.
Umushikiriza manza wa Republika, Valentin Bagorikunda yari yamenyesheje  kur’uyu wa mbere ko hamaze gushigwaho umugwi w’ amatohoza kuri iryo sanganya. Abazofashanya muri ico gikorwa hakaba harimwo Gervais Hajayandi (substitut  general).
Uwo murwi uzofasha kubaza abantu bose bazokwemera kugira ico bashikirije no kugira ico baterereye kugira haboneke ukuri. Bitegekanijwe ko ukuri kumaze kumenyekana hazotangazwa  ivyavuye um matuhoza,hanyuma ubutungane bukore, 
Uwo murwi wo kugira amatohoza yivyashikiye isoko usabwa gutanga ico ceregeranyo mu kiringo kitarenze amezi abiri.
Grace Irimbere

Messages
29 Nzero 2013, 12:14, par abanyagihugu
je nibaza amatohoza ko atariyo yoja imbere!!nimurebe ico mwokora cihutirwa kuri barya banyagihugu baburiye mwisoko!!!ubundi amatohoza muburundi yamaho hakabura ikivamwo ivyo ubutungane vyo ntaco numva nobivukako birenze ubwenge bwabantu!!ntimwirengagize ico isoko nkuru yarimaze!