IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 1 Munyonyo

Itarike 1 Munyonyo

mardi 1er Munyonyo 2016

Igenekerezo rya 01 Munyonyo .

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1295: Haba ubugeni bw’umwami w’i Aragon. Umwami Jacques wa 2 w’i Aragon yabira Blanche d’Anjou.
1800: Inzu "Maison-Blanche" y’i Washington ikirimba c’umukuru w’igihugu John Adams. Aba uwamere abaye muri iyo nyubakwa. Muri ico gihe yatangura kuyibamwo, ntiyaribware kubakwa.

JPEG - 78.3 ko
Maison Blanche hamwe na John Adams

1894: Nicolas wa 2 aba umwami w’Uburusiya.
1929: Léopordville uba umurwa mukuru wa Congo y’Ababirigi. Usubirira Boma.
1952: Leta Zunzubumwe z’Amerika zituritsa Ivy Mike, ibombe yambere yo mu bwokobwa H(umwuka wa Hydrogène). Yaturikirijwe mu mazinga ya Marshall.
1979: Muri Boliviya haba ihirikwa ry’ubutegetsi. Alberto Natusch Busch aca aba umukuru w’igihugu agira 55 w’ico gihugu.

JPEG - 16.5 ko
Alberto Natusch Busch

1981: Izinga rya Antiqua-et-Barbuda ririkukira.
1970: Abaririmvyi bane baja hamwe bagira umurwi ABBA mu gisagara ca Göteborg muri Swede.

ABBA

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1636: Nicolas Boileau, umwanditsi w’umufaransa.
1778: Gustave wa 4 wo muri Swede, umwami wa Swede kuva 1792 gushika 1809.
1923: Gordon R. Dickson, umwanditsi akomaokamri Canada.
1944: Rafiq Hariri, umushikiranganji wa mbere wa Libani.

JPEG - 8.2 ko
Rafiq Hariri

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1962: Ricardo Rodriguez, umudereva w’imiduga y’amahiganwa. Akomoka muri Mexique.
2001: Juan Bosch, umunyapolitike yabaye n’umukuru w’igihugu ca Republique dominicaine.
2007: Paul Tibbets, umudereva w’indege z’indwano mu gisirikare ca Leta Zuznubumwe z’Amerika. Niwe yateye ikibombe co mu bwoko bwa H ku gisagara ca Hiroshima.

JPEG - 6.7 ko
Paul Tibbets

Ibihimbazwa

. Algéria: Umusi mukuru w’igihugu.
. Antigua-et-Barbuda: Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira kw’ico gihugu.
. Bulgarie: Umusi mukuru w’abantu b’intwari b’igihugu.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.