Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 11 Ntwarante
 Itarike 11 Ntwarante
 Itarike 11 Ntwarante 
				
				mercredi 11 Ntwarante 2015
Igenekerezo rya 11 Ntwarante ni umunsi wa 70 w’umwaka w’2015.Hasigaye iminsi 295 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1462: Umwamikazi wa Navarre na Aragon Juana Enriquez yahuze i gisagara ca Barcelona, haheze amezi make bamwiciye umugabo, Charles Aragon.
 
2004: Habaye ibitero bikomeye vy’abihevyi mu gisagara ca Madrid, bihitana abantu 200, 1400 barakomereka.
2011: Abantu 19000 barahitanywe n’ikinyamugigima hamwe n’umwuzurira w’amazi bita Tsunami mu gihugu ca Japon.
 
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1899: Frederic IX, umwami Danemark
 
1923: Agatha Barbara, umugore wa mbere kandi wenyene yabaye umukuru w’igihugu ca Repuburika ya Malte.
 
1978: Didier Drogba, umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire.
 
1990: Joseph Yannick N’Djeng, umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Cameroun
 
Abazwi bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1907: Jean Casimir-Perier, yabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa
 
1978: Francois Claude, umuririmvyi w’umufaransa
 
Lorene Nubwabo
