IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 25 Kigarama

Itarike 25 Kigarama

lundi 25 Kigarama 2017

Igenekerezo rya 25 Kigarama.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1 : « Anno Domini », umunsi wafatweko nkuko ari umunsi w’ivuka rya Yezu umunye Nazareth.
354: Papa Libère (Libérius) ashinga umunsi igenekerezo rya 25 Kigarama nk’umunsi w’ivuka rya Yezu Kristu.
800: Charlemagne ahabwa urugori rw’ubwami, arimikwa kuba umwami w’igihande kinini c’Uburaya. Akaba yimitswe na papa Léon wa 3.

JPEG - 261.7 ko
Charlemagne

1953: Umuganga Louis Michon abaga akana kitwa Marius Renard kugira bagahe ifyigo rishasha. Bukaba bwari ubwambere ubwo buhinga bugeragezwa.
1991: Mikhail Gorbatchev, atanga imihoho mu mabanga y’umukuru w’igihugu c’Uburusiya.

JPEG - 71.9 ko
Mikhail Gorbatchev

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1642: Isaac Newton, umwongereza w’umuhinga muri physique, ibiharuro hamwe n’ivyerekeye ibinyenyeri.

JPEG - 147.4 ko
Isaac Newton

1916: Ahmed Ben Bella, uwabaye umukuru w’igihuugu ca Algeriya.
1918: Anouar el-Sadate, umukuru w’igihugu ca Misiri kuva 1970 gushika 1981. Yaronse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 1978.

JPEG - 26.9 ko
Anouar el-Sadate

1949: Anne Spielberg, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika. Mushiki wa Steven Spielberg.
1961: Ingrid Betancourt,umugore w’umunyapolitike wo muri Coloombie yari yagizwe imbohe n’umurwi FARC.

JPEG - 40 ko
Ingrid Betancourt

1965: Werrason, umuririmvyi wo muri Congo. Umwe mubatanguje umurwi Wenge Musica.

JPEG - 84.8 ko
Werrason

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1977: Charlie Chaplin, umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umwongereza.

JPEG - 959.7 ko
Charlie Chaplin

2006: James Brown, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’umunyamerika.

JPEG - 62.8 ko
James Brown

Ibihimbazwa

Umunsi mukuru wa Noweri, aho hibukwa ivuka rya Yezu Kristu


INGABIRE Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.