IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 25 Nzero

Itarike 25 Nzero

jeudi 25 Nzero 2018

Igenekerezo rya 25 Nzero

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1635 : Hatanguzwa Académie française, urwego rujejwe kunonosora no kunagura ururimi rw’igifaransa.
1755: Havuka Kaminuza ya Moscou.
1802: Havuka Reta y’Ubutariyano.
1931: Mahatma Gandhi ararekurwa inyuma yaho yari yapfunzwe.

JPEG - 85.5 ko
Mahatma Gandhi

1949: David Ben Gourion aba umushikiranganji wa mbere wa Israël.
1971: Idi Amin Dada aba umukuru w’igihugu c’Ubuganda.

JPEG - 54.3 ko
Idi Amin Dada

1981: Jiang Qing, umupfakazi wa Mao Zedong acirirwa urubanza rwo gupfa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1926: Youssef Chahine, umunyamisiri w’umuhinga mu vyo amareresi.
1937: Ange-Félix Patassé, uwabaye umukuru w’igihugu ca Centrafrique.

JPEG - 88.1 ko
Ange-Félix Patassé

1981: Alicia Keys, umuririmvyikazi w’umunyamerika.

JPEG - 49.8 ko
Alicia Keys

1982: Noemi, umuririmvyi w’umutariyano.
1984: Robinho, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.

JPEG - 27.6 ko
Robinho

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1947: Al Capone, umunyamerika w’umubandi yarakomeye cane.
1952: Sveinn Björnsson, uwabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Island.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.