Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 27 Kigarama
Itarike 27 Kigarama
vendredi 27 Kigarama 2013
Igenekerezo rya 27 Kigarama ni umunsi ugira 362 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 4 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1805: Napoléon wa 1 ashnga amabanga mwenewabo Joseph amabanga yo kuba umwami wa Naples.
1934: Igihugu cahora citwa Perse kirahindura izina, gifata izina rishasha Irani.
1945: Ibanki y’isi yose iravuka inyuma y’amasezerano yashizweko igikumu n’amareta 28.
2007: Benazir Bhutto, umugore w’umunyapolitike agandagurirwa ahitwa Rawalpindi muri Pakistani.
- Benazir Bhutto
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1822: Louis Pasteur, umufaransa w’umuhinga muri chimie na biologie.
- Louis Pasteur
1948: Gérard Depardieu, umukinyi w’amareresi w’umufaransa ubu yafashe akabira k’uburusiya.
- Gérard Depardieu
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1585: Pierre de Rostand, umwanditsi w’umufaransa.
1923: Gustave Eiffel, umufaransa w’umuhinga muvyo kwubaka.
- Gustave Eiffel
1972: Lester B. Pearson, uwabaye umukuru w’igihugu agira 14 w’igihugu ca Canada. Yaronse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 1957.
INGABIRE Luc-Noël