IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 31 Gitugutu

Itarike 31 Gitugutu

vendredi 31 Gitugutu 2014

Igenekerezo rya 31 Gitugutu

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1941: Icibutso ca Mont Rushmore kirarangira kwubakwa. Umusozi wahinguwemwo imitwe y’abahoze ari abakuru bigihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

JPEG - 8.7 ko
Mont Rushmore

1968: Umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, Lyndon B. Johnson, atanga itegeko ryo guhagarika gutera ibibombe mu Buraruko bwa Viêt-Nam.
2004: Tabaré Vázquez atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Uruguay.

JPEG - 5.4 ko
Tabaré Vázquez

2011: Unesco yemerera Palestine kwinjjira muri iryo shirahamwe mpuzamakungu.
2011: ONU imenyeshako abantu bari kw’isi uwo munsi ari imiriyaridi 7.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1939: Ali Farka Touré, umucuraranzi akaba n’umuririmvyi wo muri Mali.

JPEG - 11.3 ko
Ali Farka Touré

1961: Peter Jackson, umuhinyanyuzi akaba n’umwanditsi w’amareresi akomoka muri Nouvelle Zélande.
1963: Dunga, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.
1964: Marco van Basten, uwahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Pays-Bas. Ubu akaba ari umumenyereza.

JPEG - 5.4 ko
Marco van Basten

1986: Sébastien Buemi, umudereva w’imiduga y’amahiganwa akomoka muri Suisse.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1984: Indira Gandhi, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi.

JPEG - 6.6 ko
Indira Gandhi

2008: John Daly, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umwongereza.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.