Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 31 Gitugutu
Itarike 31 Gitugutu
vendredi 31 Gitugutu 2014
Igenekerezo rya 31 Gitugutu
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1941: Icibutso ca Mont Rushmore kirarangira kwubakwa. Umusozi wahinguwemwo imitwe y’abahoze ari abakuru bigihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.
- Mont Rushmore
1968: Umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, Lyndon B. Johnson, atanga itegeko ryo guhagarika gutera ibibombe mu Buraruko bwa Viêt-Nam.
2004: Tabaré Vázquez atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Uruguay.
- Tabaré Vázquez
2011: Unesco yemerera Palestine kwinjjira muri iryo shirahamwe mpuzamakungu.
2011: ONU imenyeshako abantu bari kw’isi uwo munsi ari imiriyaridi 7.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1939: Ali Farka Touré, umucuraranzi akaba n’umuririmvyi wo muri Mali.
- Ali Farka Touré
1961: Peter Jackson, umuhinyanyuzi akaba n’umwanditsi w’amareresi akomoka muri Nouvelle Zélande.
1963: Dunga, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.
1964: Marco van Basten, uwahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Pays-Bas. Ubu akaba ari umumenyereza.
- Marco van Basten
1986: Sébastien Buemi, umudereva w’imiduga y’amahiganwa akomoka muri Suisse.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1984: Indira Gandhi, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi.
- Indira Gandhi
2008: John Daly, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umwongereza.
INGABIRE Luc-Noël