Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 5 Gitugutu
 Itarike 5 Gitugutu
 Itarike 5 Gitugutu
				
				jeudi 5 Gitugutu 2017
Igenekerezo rya 5 Gitugutu.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1908: Igihugu ca Bulgarie kironka intahe yo kwikukira.
1910: Havuka Repubrika ya Portugal.
1962: Mu Bwongereza hasohoka ururirimbo rwa mbere rw’murwi Beatles. Ururirimbo rwitwa Love Me Do.
 
- Umurwi wa Beatles
2003: Akhmad Kadyrov atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Tchétchénie.
 
- Akhmad Kadyrov
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1713: Denis Diderot, umwanditsi akaba n’umu philosophe w’umufaransa.
 
- Denis Diderot
1829: Chester A. Arthur, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira uwa 21.
 
- Chester A. Arthur
1864: Louis Lumière, umuhinga w’umufaransa. Umwe mu batanguje ubuhinga bwo gukora amareresi.
 
- Louis Lumière
1877: Annie Pétain, umutambukanyi w’umufaransa yahoze atwara ubufaransa Philippe Pétain.
Abazwi cane bitavyimmana kw’igenekerezo nkiri
1791: Grigori Potemkine, uwabaye umukuru w’igihugu c’Uburusiya.
1918: Roland Garros, umufaransa w’umuhinga muvyerekeye indege. Bamwitiriye ihiganwa rya Tennis ryo mu Bufaransa.
 
- Roland Garros
2011: Steve Jobs, umunyamerika w’umurwizatunga mu vy’ubuhinga bwa none. Niwe yatanguje ihinguriro rikora ibikoresho vy’ubuhinga bwa nono bita APPLE.
 
- Steve Jobs
Ibihimbazwa
Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abigisha.
INGABIRE Luc-Noël
