IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itariki 23 Mukakaro

Itariki 23 Mukakaro

mardi 23 Mukakaro 2013

Igenekerezo rya 23 Mukakaro ni umunsi ugira 204 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 161 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1829: William Austin Burt aronka urwete rwemezako ariwe yatoye “The Typographer”, imashini ya mbere yo kwandika.

1881: Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abanonotsi bagira udutebetebe riravuka i Liège mu Bubirigi. Iryo shirahamwe rikaba ryatangujwe n’uwitwa Nicolas Jan Cuperus.

1903: ishirahamwe rikora imiduga FORD rigurisha imodokari yaryo ya mbere.

1914: Autriche na Hongrie bihaa gasopo igihugu ca Serbiya inyuma y’igitero c’i Sarajevo.

1952: Muri Egypte, intwaro ya cami irakomborwa.

1966: Saddam Hussein aratoroka aho bariko baramwunguruza bamujana murindi bohero.

Saddam-Hussein

1967: Indega yo mu bwoko bwa Boeing 767 y’ishirahamwe Air Canada iri ku metero 12 000 hejuru ya Canada basanze igitoro caheze maze ija kurarukira ahataziriwe
planeur de Gilmi. Nta muntu yasize ubuzima.

1986: Mu Bwongereza, Andew umuhungu w’umwawi agira ubugeni na Sarah Ferguson.

1995: Miguel Indurain aba uwusiganwa ku makinga wa mbere atwaye ihoganwa rya Tour de France incuro 5 yikurikiranya.

Miguel-Indurian

2000: Lance Amstrong, uwusiganwa ku makinga atwara intsinzi yiwe ya kabiri mw’ihiganwa rwa Tour de France.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

Haile-Seassie

1892: Hailé Sélassié ( Tafari Mekonen), uwabaye umwami wa Ethiopie.

1973: Monica Lewinsky, umutunganya ntumbero ku ntwaro ya Bill Clinton.

Paul-Wesley

1982: Paul Wesley, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

Ulysses. S G

1885: Ulysses Simpson Grant, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 18.

1951: Philippe Pétain, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

1979: Joseph Kessel, umwanditsi w’umufaransa. Umwe mubagize Académie française.

1999: Hassan wa 2, umwami wa Maroc.

2007: André Milongo, uwabaye umushikiranganji wa mbere wa Congo-Brazzaville kuva 1991-1992.

Winehouse

2011: Anny Winehouse, umuririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo w’umwongereza.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.