Accueil > Amakuru > Akahise > Itariki 24 Mukakaro
 Itariki 24 Mukakaro
 Itariki 24 Mukakaro
				
				mercredi 25 Mukakaro 2018
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
1534: Jacques Cartier yifatira igihugu ca Canada kw’izina ry’umwami w’Ubufaransa.
 
1911: Hatorwa ibisigarira vy’igisagara Machu Picchu. Ico kikaba cari igisagara c’abantu bubwoko bita aba “Inca”. Aho akaba ari muri Amerika muri Perou.
 
1943: Benito Musolini, uwahoze atwaza umukazo igihugu c’Ubutariyano arahagarikwa.
 
2005: Lance Amstrong atsindira ihiganwa rya Tour de France ku ncuro y’icenda yikurikiranya. Kuva aho aca amenyesha ko afata akaruhuko gushika 2009.
2007: Harekurwa abaforoma n’abaganga bari bapfungiwe muri Lybiya imyaka 8.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri
 
1783: Simon Bolivar batazira “El Libertador”, umusirikare akaba yanabaye umukuru w’igihugu wa Bolivie. Ari mubatumye muri Amerika Yubumanuko habona ukwikukira mu bihugu bitari bike murico gice c’isi.
1802: Alexandre Dumas père, umwanditsi w’umufaransa.
 
Luc-Noel Ingabire
