IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itariki 3 Myandagaro

Itariki 3 Myandagaro

jeudi 3 Myandagaro 2017

Igenekerezo rya 3 Myandagaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1900: Havuka ishirahamwe rikora amapine Firestone.

1934: Adolf Hitler aba umukuru wa Riech ya gatatu.

Adolphe-Hitler

1940: Général de Gaulle acirwa urwo gupfa.

1960 : Igihugu ca Niger kironka intahe yo kwikukira.

1963: Haba igiteramo canyuma c’umurwi wa Beatles mu nzu y’ubutambiro yitwa Cavern Club mu gisagara ca Livelpool.

1975: Mu mazinga ya Comores zihindura imirisho, Ali Soilih asubirira Ahmed Abdallah.

1997: Mohammad Khatami aba umukuru w’igihugu ca Irani.

2002: Inama nshingamateka ya Turkiya ikuraho igihano co gucibwa urwo gupfa.

2005: Mahmoud Ahmadinejad ashikirizwa amabanga yo kuba umukuru w’igihugu ca Irani.

Mahmoud-Ahmadinejad

2006: Viktor Ianoukovytch aba umushikiranganji wa mbere wa Ukraine.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1811: Elisha Otis, uwakoze icuma kirerura abantu mu magorofa mareramare (ascenseur).

Elisha_Cuthbert

1903: Habib Bourguiba, umwe mubaharaniye ukwikukira kwa Tunisiya.

1948: Jean-Pierre Raffarin, umunyapolitike yabaye n’umunshikiranganji wa mbere w’Ubufaransa.

Jean_Pierre

1950: Ernesto Samper Pizano, umukuru w’igihugu ca Colombie kuva 1994 gushika 1998.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

2008 : Alexandre Soljenitsyne, umwanditsi w’umurusiya yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu 1970.

Alexandre S.

2011: Bubba Smith, umukinyi w’umupira w’amaguru akaba m’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Niger: Umunsimukuru aho bibuka intahe y’ukwikukira.

. Venezuela : Umunsi mukuru wahariwe ibendera.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.