IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga ikigo kijejwe gucungera ihindagurika ry’ibirere ririko (...)

Itegeko rigenga ikigo kijejwe gucungera ihindagurika ry’ibirere ririko ririgwa

jeudi 13 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yakoranije abagize Reta y’Uburundi mu bikorwa vy’inama nshikiranganji y’iminsi ibiri guhera kuwa 12 na 13 Ntwarante 2014. Muri iyo nama, barabiye hamwe integuro z’amategeko, harimwo n’integuro y’itegeko rigenga ikigo kijejwe gukurikirana ihindagurika ry’ibirere.

Iyo nama nshikiranganji yakoranye guhera ku munsi w’ejo, iriko ikurikirana integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga ubudandaji inimero 1 /07 ryo kuwa 26 Ndamukiza 2010, integuro y’itegeko risubiramwo itegeko inimero 1/09 ryo kuwa 30 Rusama 2011 rigenga amashirahamwe yigenga, integuro y’itegeko risubiramwo itegeko nimero 100 /95 ryo kuwa 28 Ntwarante 2011 ritunganya ingene ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, itunganywa ry’amatongo n’ibisagara bikora, hamwe n’izindi nteguro z’amategeko, nk’amategeko agenga ikigo kijejwe gucungera ihindagurika ry’ibirere IGEBU, gusubiramwo itegeko rigenga ikigo kijejwe gukingira ibidukikije INECN.

Ivyapfunditswe muri iyo nama nshikiranganji tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


Floxella Karire

Messages

  • Kuva na kera na rindi igihugu gitwawe nabi cama gihura n’Ibiza!Inyishu yari Ukwiha ubuki k’Umwami!Akoranya inama areka, adahinduye uko akora abapfa bazokwama bapfuye bahitanywe n’ivyo mwita IHINDAGURIKA RY IKIRERE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.