IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyavuye mu cirwa cakozwe na PAM ku bijanye n’ugufungura nabi mu (...)

Ivyavuye mu cirwa cakozwe na PAM ku bijanye n’ugufungura nabi mu Burundi

jeudi 22 Rusama 2014

Naho ishirahamwe mpuzamakungu PAM ryitaho ibifungurwa kw’isi ridahengeshanya gushigikira umugambi wo kurwanya ugufungura nabi, mu cirwa cakozwe basanze igirigiri c’abafungura nabi ku rwego rwo hejuru mu Burundi cagabanutse gusa ibice 0,4 kw’ijana.

Inyuma y’aho hakorewe ivyirwa mu Burundi ku bijanye n’umugambi watangujwe wo kurwanya gufungura nabi, na cane cane ku bana bakiri mu mashure mato, basanze ibitigiri vy’abafungura nabi vyagabanutse gato cane.
Abakoze icirwa bo mw’ishirahamwe PAM (Programme Alimentaire Mondial) bakavuga ko basanze igitigiri c’abafungura nabi ku rwego rwo hejuru (aigue) cavuye ku bice 5,8 kw’ijana mu mwaka w’2010, kija ku bice 5,4 kw’ijana mu mwaka w’2014. Nayo igitigiri c’ugufungura nabi muri rusangi (Chronique), cavuye ku bice 58 kw’ijana, kija ku bice 49 kw’ijana.
Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe mpuzamakungu PAM ryifadikanije na Reta y’Uburundi, mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kuri uwu wa kane wa 22 Rusama, ryatunganije inama yo kurabira hamwe aho ikibazo c’abafungura nabi kigeze mu Burundi.

Uwuserukira ishirahamwe PAM (Programme Alimentaire Mondial) mu Burundi, Djossa Bienvenu akamenyesha ko intumbero y’iyo nama, yari kurabira hamwe ivyavuye mu cirwa cakozwe ku kibazo co gufungura mu Burundi n’ingene abafungura nabi bamerewe muri rusangi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi yamenyesheje ko ico cirwa kije hageze, kuko kije gusubira kwerekana aho ikibazo c’abafungura nabi kigeze mu Burundi. Ivyo bikazotuma Reta y’Uburundi, ibifashijwemwo n’abahora bayishigikira, babona ahakwiye gufashwa n’ivyokorwa mu gutorera inyishu ziboneka ikibazo co gufungura nabi mu Burundi.

Yohani Mahwane, umwe mu bahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu PAM (Programme Alimentaire Mondial) bakoze icirwa ku bijanye no gufungura mu Burundi, amenyesha ko intara ya Muramya na Mwaro biza imbere muri uno mwaka w’2014 mu gufungura nabi ugereranije no mu mwaka w’2008 aho hari haheruka gukorwa icirwa.
Bimwe muvyoba vyatumye izo ntara ziza imbere mu gufungura nabi, mu gihe zaboneka ko yari intara zimbuka, umuhinga Yohani Muhirwe yamenyesheje ko vyoba vyavuye ko zitashizwe imbere muzifashwa gutezwa imbere muri ino myaka. Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi naho bakavuga ko vyatewe n’umwimbu muke wabonetse uno mwaka.

JPEG - 101.3 ko
Yohani Mahwane, umwe mu bahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu PAM (Programme Alimentaire Mondial) bakoze icirwa

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.