Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu
 Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu
 Izindi ngirakamaro z’umuhwi ku magara yacu 
				
				lundi 8 Nyakanga 2014
Umuhwi nk’uko ni mwiza cane ku magara yacu, ariko kandi barawukoresha nk’umuti. Ni vyinshi rero twowuvugako.
Abashakashatsi baravuga ko gufungura umuhwi kenshi bituma igipimo c’ isukari yo mu maraso kidahindagurika ivyo bikabuza kudahwa mu gatondo (les nausées matinales). Mu bihugu bimwe bimwe nka Thaïlande, icamwa c’umuhwi kirafasha abavyeyi bibungenze kumva bamerewe neza mu mubiri no mu bigumbagumba, kuko gufungura umuhwi bigabanura ubushuhe bw’umubiri, bigatuma abana bavuka bafise ubushuhe butarenze.
Iyo naho umuntu yaraye anyoye cane inzoga mu birori akavyuka amerewe nabi, ni vyiza ko yofata umusururu w’ umuhwi akawuvanga n’ubuki, umuhwi ucufasha gutezurira umushishito, ubuki nabwo bukongereza isukari mu maraso, ivyo bigatuma aca amererwa neza.
N’uwipfuza guheba itabi, umuhwi uramufasha kuko urimwo ivyunyunyu "vitamin B6, potassium, magnésium" bituma umubiri utumva cane inyota y’itabi. Kandi iyo umuntu ariwe n’agakoko (piqûre d’insecte) arashobora gufata igishishwa c’umuhwi harya indani akahasiga aho yariwe n’agakoko, biragabanura kuribwa ku mubiri no kuvyimba.
Ivyo vyose bikatwereka ingene icamwa c’umuhwi ari ngirakamaro cane ku magara y’umuntu, kandi akaba ari n’umuti ku ndwara zitari zike. Arico gituma bishobotse twoza turawufungura iminsi yose.
Nadege Irakoze

Messages
2 Ruhuhuma 2016, 17:06, par Ndacayisaba
Turabashimiye Kubona Muduhaye Ayo Macishabwenge