IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jacob ZUMA arongoye umurwi w’abakuru b’ibihugu bitezwe i Bujumbura kuri uwu (...)

Jacob ZUMA arongoye umurwi w’abakuru b’ibihugu bitezwe i Bujumbura kuri uwu wa kane

mardi 23 Ruhuhuma 2016, par egide

Intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zirongowe n’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob ZUMA zitezwe i Bujumbura kuri uwu wa kane mu rugendo rw’iminsi ibiri.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Jacob ZUMA ubwiwe, uwo murwi w’abakuru b’ibihugu uzoba uje gutanguza ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira vyari bisa n’ivyahagaze.

JPEG - 17.5 ko
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo

Mu gikorwa c’ukurongora uwo murwi w’abakuru b’ibihugu n’ama Reta batanu bagiye kugendera Uburundi, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob ZUMA yagenwe na Idriss Déby Itno umukuru w’igihugu wa Tchad, akaba ari nawe aramutswa ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika

Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero

Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.

IGIHE

Messages

  • IJAMBO RY IMANA RIVUGA RITI,MUMISI YIHEREZO,HAZOBA INTAMBARA ,IBIHUHA VY INTAMBARA,IHANGA RIZORA IRINDI,KU BERIKI MWIRUKA NIVYA PORITIKE GUSA,AHO KWIHANA,SOMA,ITANGURIRO,2_2_4

  • ICOMBONA.TWARI DUKWIYE,KWIHANA.SOMA.KUVAYO,20_8

  • TWIHANE,MBONA ARICO GISIGAYE

  • Hewe #####, Ayo masomo yanyu kw’atajanye na politike y’Uburundi? Nayasomye neza, nasanze aduhanura kuruhuka isabato. Ariko bivana n’ukuntu wewe ubibona, kandi wakoze.

  • Nkurunziza agiye kwipanga abategurire ibinyoma azobakiriza muzikangura musanga icabazanye mwacibagiye nkuko vyaraye bibaye kuri bani kimuni ahoyashikiye kurwa mumutego wiwe bikanamwibagiza gukora icari camuzanye nkurunziza nakarwi kiwe biragaragara kwatabiganiro bashaka kuko nubu bagihagaze kukuganira nabo bitoreye ivyonavyo bikaba bidashoboka

  • BIRAKENEWE TUBAHAYE IKAZE

  • Tubahayikaze RekaTurindire Turabe Ko Harikizohinduka

  • karibu batama mwirabire ingene mu burundi dufatanye mu nda hama kizigenza wacu azobereke abo bazungu bishinga bumviriza amabwire batatuzi ukuntu tubany neza?ariko niyo borasa hejuru,mutama wacu twitoreye ntituzomuheba niyo abo bazungu bosara

  • Ubu yamaze guhamagara cakindayimoni ciwe bazoshika kukibuga cindege cabategeye, ariko azohinyuka tu.

  • nibaze.ivyiyarushanibobaz’ingenevyagenze,uyumwuzowababategetsi,babakurubibihugu,bakurakuranwa. atagivamwomuce,mugurishigihugu.umwumwe.aronkegwiwe

  • Hhhhhhhh.
    Kadafi mbere yuko yicwa nawe yasuwe nabakuru bibihigu

  • Baje Bikwiy Kuk Uburund Busigay Buduterubwob Karib

  • NAMA NDABIVUGA URUKIZA RW’UBURUNDI RUZOVA KUBARUNDI ABARUNDI B’UMUTIMA TUDAHAGURUKIYE ICARIMWE NGO TWIGWANEKO TUBUZE ICO KIMWENYI KUTWICA KAMWE KAMWE,TUTABIKOZE UKO NGO TWIZEYE AMAKUNGU,MURISHIKANA KIBAKOZE ICO KIGOMBA, MUGABO JEWE MUBISHIKANA SINDIMWO HAKO NOKWISHIKANA KWUYO MUGOME NOPFUMA NISHIKANA KWA SHETANI,IGIPFAPFA NACO CAVUZE NGO NA 2020 BIBIHWEBA BIZOKWONGERA ICO KIMWENYI,KUROTA KUMURANGO KABA AR’AGASEMA

  • @######
    "IJAMBO RY IMANA RIVUGA RITI,MUMISI YIHEREZO,HAZOBA INTAMBARA ,IBIHUHA VY INTAMBARA,IHANGA RIZORA IRINDI,KU BERIKI MWIRUKA NIVYA PORITIKE GUSA,AHO KWIHANA,SOMA,ITANGURIRO,2_2_4"

    Wewe umenga uracari mu mwijima! Jijuka harageze!
    Bamwe basoma igokorowani, abandi igitabu ca Yehova, abandi igitabu ca Buddha; abandi bagasoma urukanywa! None wewe ko mumenga ivyo vyose vyaragutaye ku w’amazi?

  • Urworugendo Ruzoburwamahoro Twebwe Abanyagihugu Dushaka Amahoro

  • Nimba.Nyakubawa.Umukuruwacu.Atitorewenabene.Gihugu!Noneabomvamahanga,barondera.iki,nibareke,kutusubizamukaga.

  • Uburundi Bwo Bwaragowe Ko Président Wa Afrika Y’epho Atwaye Ibihe Bingana Iki? Ahubwo Program Niy’ Imana Yo Mwijuru Ntarukiza Tuziga Mubanu

  • ubworero bashatse kugira Jacob zuma nkuko baribaragize Nelson Mandela bamwiriza mumatiku yinyugu zabarundi, ubundi bagarame mumakungu mumiduga, abarundi bibwiyeko aribobazibwenge bonyine

  • Harya DD ko uhora urenganya Kagame, nejo muzongera mumutuke, abo ba Nyakubahwa bose baba baje muri pique nique?

  • zuma iwe byamunaniye ngu BURUNDI? nkururunziza jye nkugendere inama ya kigabo Egura ataribyo utapata cyamutemakuni, ese ubu urugo rwawe rurihe? asiye funzwa na wazazi afundishwa na DUNIA

  • intwaro zacu muri afrika ni zimwe. uravye neza nta muperezida n umwe yoh uwund icirwa kuri demokarasi canke ku ntwaro iberey ni bareke kwitemberez i bujumbura, dukore nk uko tuvyiyumvamwo, na bone ni ko bari.

  • abo bôbô,iyaba prezida wa ghana n uwa tanzanzaniya. nah’abo nta cigwa boduha kuri bonne gouvernance/démocratie,ivy abo ntibitandukanye cane n ivyacu

  • ABATAVUGARUMWE NAKURUNZIZA NTIBABONA KUREKWIRI NONO MUSEVENI YOBAFASHA IKI KANDI NAWEYUMIYEKUGIHUGU

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.