IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jacques Bigirimana : Abagandaguye ababikira nabo bakwiye kwicwa

Jacques Bigirimana : Abagandaguye ababikira nabo bakwiye kwicwa

mardi 9 Nyakanga 2014

Umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana amenyesha ko umugambwe arongoye utera ivyatsi urupfu rw’agashinyaguro rwashikiye ababikira batatu b’abatariyano bo kuri paruwasi ya Guido Maria CONFORTI bagandaguwe babanje gufatwa ku nguvu. Jacques Bigirimana asaba ko abokwagirwa n’ico caha nabo nyene bokwicwa.

Mu mugambwe FNL barahoza abarundi bose, abatariyano, abakirisu hamwe na Papa, bakamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise ubwicanyi bunyamaswa bwakorewe ababikira batatu b’abatariyano. Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bafise izindi ntumbero, agasaba amakungu ko atoca afata abarundi bose nk’abicanyi. Jacques Bigirimana yasavye ko Reta yokoresha uburyo bwose bushoboka amatohoza anyaruke, abagandaguye abo babikira bamenyekane, kandi bahanwe vy’akarorero. Abanyagihugu begereye ahabereye iryo bara, hamwe n’abandi bose basabwe gufashanya n’inzego z’igiporisi mu kurondera abo bicanyi.

JPEG - 1.9 Mo
Jacques Bigirimana, umukuru w’umugambwe FNL

Mu gihe abagandaguye abo babikira bofatwa, mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana basaba ko bohanishwa igihano co gupfa kuko nabo basheshe amaraso, kandi bagakora icaha giteranya Uburundi n’amakungu. N’aho ico gihano cakuweho mu Burundi, Jacques Bigirimana avuga ko inama nshingamateka yovyiga ico gihano kigakoreshwa ku bazoba bafashwe ico caha kikabagira.


Egide Nduwimana

Messages

  • Hari ibintu bitangaje kabisa uyo Jacques Bigirimana yoba akomeye mu mutwe mbega abishe abana bo mu kibimba, buta, abanyamulenge,teza, mukike, bugendana, matongo,karuzi,kumabarabara ..., ko utabasabiye urwo gupfa?

  • Mutama Nzakayo, ko utashizemwo abatemaguriwe kuri University nabatuririwe mu mapine muri za Nyakabiga, Musaga nahandi? Abarundi muri umuti wamenyo kabisa

  • Attention cher Journalistes!!!! Ngo ababikira bishw babanj gushurashuzwa, ivyo mwabivuz muganga atarapima! Munyuma ngo ntago bashurashujwe. ubu naho ngo uwukekwa yiyemerey k yabish abanj kubashurashuza!!! igitanganj nuko muciy muvuga ng uwo muntu arakomey neza mumutw, knd mutanamupimishij knd mutamujanye kwa rujanti Gihosha ari nahafi. Mwirinde ibihushane.

    Uwo muri news Burundi ngo Ambassadeurs wacu muri belgique yamubwiye ko bishwe n’abanyarwanda begereye ubutegetsi bashuditse n’ikibiri avant toutes enquêtes. kuki muguma muduh inkuru zirimwo contradictions? Ntimugakine n’ikibazo c’ubwicanyi. Ibiziga bibandanya gutorwa kuri rweru knd ntamuco turaronka. Karaciye ingani bamwe bice namwe mutume twofatirwa ibihano knd vyos bivana n’amukuru mutanga? Ntimugashikuze ngo mudute munryane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.