IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Polydore Ndayirore yagenywe mu biro vy’umuhuza w’abarundi

Jean Polydore Ndayirore yagenywe mu biro vy’umuhuza w’abarundi

mardi 6 Rusama 2014

Inyuma y’aho abogorejwe mu mabanga yiwe yo kurongora intara ya Mwaro, Jean Polydore Ndayirorere yagenywe gukora mu biro vy’umuhuza w’abarundi.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, akaba yagenye Jean Polydore Ndayirorere kuba umuhanuzi wiwe ajejwe inyigisho z’ugukundisha igihugu n’ukuba umuyobozi w’igisata c’abana. Imbere y’uko agenwa kuba buramatari w’i Mwaro, Ndayirorere yari asanzwe akora muri ivyo biro nyene vy’umuhuza w’abarundi. Mukamenya ko bivugwa y’uko uwo yahoze ari buramatari w’intara ya Mwaro, yoba yabogojwe kuko yoba ari muri UPRONA ya Karori Nditije.

Jean Polydore Ndayirorere, akaba yasubiriwe na Gérard Maryogo mu kibanza ca buramatari w’iyo ntara ya Mwaro. Maryogo, akaba nawe yahora ari umuhanuzi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Avuka muri iyo ntara nyene ya Mwaro muri komine ya Bisoro, arubatse, akagira abana batatu.

Jean Polydore Ndayirore (Photo Iwacu)

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.