IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jeremie Minani:" Urupfu rwa Col Bikomagu rushobora gutuma haduka indyane mu (...)

Jeremie Minani:" Urupfu rwa Col Bikomagu rushobora gutuma haduka indyane mu gisirikare"

lundi 17 Myandagaro 2015

Umuvugizi w’umurwi wishinze gukingira amasezerano ya Arusha,ukiyamiriza kandi ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza « Mouvement d’Arusha »,amenyesha ko ubwicanyi bwahitanye colonel Jean Bikomagu bushobora kubonwa nk’ubwateguwe n’ubutegetsi.

Kubwa Jeremie Minani,ubwicanyi bwahitanye Colonel Jean Bikomagu bushobora gufatwa nk’ubwaje kwishura ubwicanyi bwahitanye General Adolphe Nshimirimana kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015.

Jeremie Minani avuga ko urupfu rwa Colonel Jean Bikomagu bushobora kugira ingaruka zikomeye ku gihugu biciye mu gisirikare,kuko Colonel Bikomagu asigura ikintu kinini mu basirikare bamye mu gisirikare ca Reta.

Avuga ko hari ubwoba ko hashobora kuba ukutumvikana hagati y’abasirikare bahoze mu gisirikare ca Reta n’abasirikare bavuye mu mirwi yarwanya Reta nka CNDD FDD.


IGIHE

Messages

  • Bivuge ubifoboye, kumbure hari ico ubiziko muri uwo mugambai wogteranya bene Burundi biciye mu kugandagura indongozi zabo. Gen. Nshimirimana nawe nyene yari indongozi mu gisirikare kandi abamugandaguye havugwamwo abasirikare ariko ntiwigeze uvuga iryo jambo. Abo bahisi ni biruhukire amahoro, nayo ababagandaguye bazosigara barishura hano kw’isi kuko nimba batari babazi amaraso y’umuntu arahuma.

  • Ew Nivyo Vyiyumvir Ufis Col Bikomagu Turamukunda Can Muga Ivyo Ntivyoducanishamwo Kko Tur Ingabo Z Igihugu Ukab Unaniw Na Politik Tah Ugum Mugihugu Umutekano Waw Tuzowucungera. Abish Col Bikomagk Nabo Bagiy Kumenyekana Bahamw Hisunzw Amategeko.

  • Baze bihend barukarish ruzobamwa,mu basirikar 25000,aba mur CNDD FDD ni bangah?noneho har nabahoz mur CNDD FDD bahakany kuba abaja ba nkurumbi

  • Erega Ubutegetsi Ntakindi Bushaka Atari Ugucanishamwo Izonzego.

  • Reka kwasama iyo mbundege yumutama ninde yari ayinezwe cke yarafise irihe jambo mu gisirikari?Mwe mruiko murondera uko mwoteranya abdi ariko vyabananiye.Na Adolfe mwari muzi ko abahutu baca birara mu batutsi murarindira murabura!!!!Uburundi bugona buri maso.

  • justice kuri bose mwe nuyo jeremie
    igisirikare kizocanamwo gipfa iki?Mbe ico gisirikare ca kera kuberiki cosubiranamwo nicahora mw’ishamba?Mwibagiyeko ata moko akihari mu burundi,twese turi intore z’imana,tunuka ibikakwe twese,.Dolofu,Bikomagu ntidushobora kubapfa,kuberiki abo basoda ba kera biyumvamwo bikomagu cane,asiguye iki kuribo,abo mw’ishamba nabo,bo ariko ndabona ata attache nimwe bafise bo bazotega imitwe gusa contre la colère yaba ex fab bazoba bashaka guhora bikomagu,ahhh,sans oublier que ata basirikare abahutu bagifise d’après ivyo wabaraguye ngo bose bagiye mu batutsi,bande de cons,namwe murahirihiriwe ko igisirikare cose casubiye kuba icabatutsi,none abahutu bizogenda gute?Comme d’habitudes tuzigwanako,tuzibako,rien que pour bikomagu seulement?Mwa batutsi mwe mube mutarica buyoya,nabo kwa micombero ,igisirikare gisubiranemwo pour ça?

  • Justice Kuribose,buza Witonze Mbega Jewe Canke Wewe Ntanumwe Yaremewe Kuguma Ngaha Kwisi Aha Siwacu?Justice Turiteguye Kwivuna Icocose Kizoza Gitera Umutekano Muke Wabenegihugu.

  • None tugiye kuba abande?mana kiza uburundi

  • rukarishe tubamese ntantabwe muzoduterana twaragifashe igihug zamurya muryame nivyanka murar muhagaz minani ndaje burakobagura akanogo bikomagu ndik ndamuc kumazi urikuranyicira apet ikibaz camand gezaho twarabanyay

  • sha fidelite mbe ww ushakako habintambara cagwa urashonje yifuge iyoda yawe duharanire amahoro ureke kuzuzana ivyamoko ntamoko ariho mu burundi kuvakera baharanira amadayabo nyamba ww urumunye politike ntidukeneye ivyuyuviro vyawe mu burundi abantu nkamw ntitubakeneye.aho wama ubeshera abatutsi babandi dutagure dufate uwishe nyakubahwa general dp ntazwi dugakukiriba uje kumufata turabe wamuhutu mugezanje ufungiyondayawe wakijuju aho utabonakure

  • Ico cuko igisirikare cocanamwo nico opposition iriko yenyegeza umuriro kunguvu kugirango bakinde kumivyimba yabantu, aho baratambikije nudupapuro kugira bace bisimbira hanze hama bazogendera kumivyimba yabantu, ariko nabone haraho bobirwamwo.

  • Mbega uwo mina jeremie kumugore n’abana biwe yabajabukanye nitwerero aja guhenda ngo dukebagurane hama n’umugore wiwe bazoze gutorana uburundi, arihenda aba nya politique twarabahinyuye, mbega agifise umugore n’abana muburundi kwatari bwaze gukavya umudurumbanyo muburundi, ntakindi iyo opposition irota atari kubomora igisoda itubatse, noguteranya abanyagihugu ngo dutemane hama politique yabo yokugabangana igihugu ishike. abo baramaze kuba abanyamahanga ntarukiza dufise kubantu bose bahungishije imiryango yabo kugira badutege imitego tumarane hama baze kudukinda kumuvyimba, Imana ibandanye iturinda abantu nkabo hama umuhutu, umututsi n’umutwa benigihugu batagira iyo bahungira twibanire mumahoro, kuko nubundi izindyane turimwo twazitewe nabiswe ngo nabarundi baba mubindi bihugu bahindukira bakagaya benigihugu ngo ntaco bamaze ntamuzungu abazi ukamenga basokuru ntibari babayeho mumahoro badapfukamira umuzungu, inda ndende, ubu escro, nukwikunda ukica abandi nivyo biranga aba politicien buburundi.

  • ABARUNDI mwitonde uwarashe bikomagu numwanzi wijyihugu wabacengeye arashaka ko abarundi musubiranamo hanyuma bakabarega jenoside bakabona uko bafata ubutejyetsi

  • Ndi muri uganda ariko Peter ariko araraba ibiriko birabera muburundi ntabwoba bimutera?nagerageze aruhurire imitima yabanyagihugu

  • ni hatari kweli ariko dukwiye gusenga

  • Amoko yomuburundi mufatane munda mwime amatwi bariya bagome mumbabarire ntimugwe mumutego wabo muhagarare cyigabo igihugu cyanyu umwanzi afite umugambi wo kujyisenya nimurangara kandi akoresheje abarundi

  • none muburundi ko ubwicanyi ari bwishi none ubu naho buriko buheraherezwa munzego zijejwe umutekano kuki mwicana kandi murikugikorwa mwahawe n Imana je novugako muriko mutera ingorane abene gihugu kandi ngo abagabo baradya imbwa zikishura murakoze

  • emma

    jeremie minani ndakwiyamirije ivyo wiyumvira bishobora kuba sivyo nyamba ariko mwabiteguye murazowucana muzowota. Mbendakubaze bikomagu niwe ubona arihejuru yabandi? ko general wacu mwamwishe kwataco twabagize, turabarindiye mudutangure tubasye.

  • Uyumugabo ntimwumva ko ahaye akokeza igwano, ubwo Bikomagu asiguri wiki kwarinyama kabandi yavuye amaraso na Ndadaye na kandi be shi yishe eherero Minani ubu si 93 turi 2015 igihe bita ca gira ngire uwoshaka yokwisubirako uyumaze kubuna uwarahambaye aryamye atazovyuka uracawibaza kwatanumwe azorusimba kiretse uwagihunze gusa.

  • Ahubwo Minani kubwanje ni we we warukwiye gukwirikira kuko aho ntuvuga uradahwa ubwo ayo majambo uvuga wumva uyavuga nkuwufise ubwenge??
    Naho nakagendeye ibijuju
    Mbega ko hari benshi tuguma tubura nka nyakwigendera Nshimirimana nabandi ko atawahagaze kugasozi ngo avuzeamaruru nkayo yanyu ariko murahumba ivyanyu bizoja kumugaragaro
    Ikindi womenya nuko iyo ntwaro mfata kibanza murondera mutazoyibona nkuko vyabataye kuwamazi ubushize
    Mwomenya yuko umusurikare wese umwenegihugu wese akunda igihugu ciwe adashobora kwumviriza imbura bwenge nka mwebwe ahubwo ikimurajishinga ariterambere muburundi no mubarundi
    Ikindi nuko mumenya ko intwaro mwebwe mwipfuza ko atamuhutu yiga ngo hakunde hige abatutsi gusa ivyo nivyo ubutegetsi dufise ubu buriko burakuraho hanyuma umurundi wese akagira agaciro nijambo nkumwene Burundi.
    Aho rero iyo muvuga muze muritondera amajambo muvuga nibikogwa vyanyu bigayitse.uwuzoyitakura izohera munzu iwe irangirire munzu iwe.

  • JALIBUNI LABDA MUTAFAULU LAKINI INAWEZEKANA IWE NDIO MWISHO WENU WAKUSIKIKA NCHINI BURUNDI JEWE NDUMUTUTSI WUMUTIMA ARIKO BIKOMAGU SINOMURIRIRA KANDI ABANDI BARIKO BARAGIRA UMUSI MUKURU. ABOYAGIZE IMPFUVYI NABO YAGIZE ABAPFAKAZI NI MILLIONS OF MILLIONS AMARIRA YABO NIMANA NTIZO MWAKIRA MUBWAMI BWAYO MURAKOZE ARUNDI TUBANDANYE GUFATANA MUNDA TURABE IBITANGAZA IMANA YIKORERA.

  • Muhore mweseee,!!!!Ndaravye ivyiyumviro mwagiye muratanga mwese nsanga ntanakimwe gihumuriza uburundi nabarundi.. mwese mwatwawe n’ideologie yamoko kuruta uko mwotwagwa nibikogwa mugateza imbere uburundi... muburundi ntakuri guhari.. uvuze ukuri ngo numumenja, numugambanyi, yahemukiye igihugu, bakaba bamuniganye ijambo.!! uwokavuze ukuri kuvyubaka abarundi abonye mugenziwe uko apfanye ijambo, aca yiga ayeri yogukorokera ishamba kugira avuge afise inguvu nijambo yashatse kuvuga umwima akanya kuko yogushengeza abarundi namakungu bakagukubita intahe mugahanga. hama ukuri kugatsinda ikiny oma. mukurugure ndacabandanya..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.