IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Urwaruka rwo muma paroisse mu nyigisho zo kwifata rukristu mu (...)

Bujumbura: Urwaruka rwo muma paroisse mu nyigisho zo kwifata rukristu mu gihe c’amatora

mercredi 23 Mukakaro 2014

Urwaruka ruva muma paroisse yose ya Dioseze Bujumbura hamwe n’abandi batumiwe bo hagati mu gihugu bakoraniye hamwe mu kigo ca Paroisse Saint Michel mu nyigisho z’ukwemera, zibereka uko bakwiye kwigenza no kwifata.

Uko umwaka utashe, Ekleziya Gatorika yama itunganya inyigisho ku rwaruka, ikoraniro bita “Forum des jeunes” aho rwigishwa kubana neza n’abandi, mu bumwe no gushingira intahe Yezu Kristu yapfuye akazuka. Patiri Mugabonihera Ferdinand ajejwe gutanga ubutumwa bw’abakirisu b’aba laic, yamenyeheje ko hatunganijwe mu kigo ca Paroisse Saint Michel ihuriro ry’urwaruka rwaje ruva muri diocese ya Bujumbura kugira bamenyeshwe inkuru nziza y’umucunguzi Yezu Kristu, rwongere rwigishwe ko ruvukana muri Kristu kandi ko ari bamwe.

Nk’uko yabandanije abisigura, intumbero y’iryo huriro ry’urwaruka rihagaze ku civugo c’uno mwaka, kigaruka kuri Yezu Kristu umwana w’Imana yapfuye akazuka. Inyigisho nazo urwo rwaruka rugiye kuronswa, zikaba zishimangira cane mu kwemera bafise muri Yezu Kristu, nk’uko bisomwa mw’ijambo ry’Imana kugira bamenye cane cane ubutumwa bafise bujanye n’Imana. Iryo huririro ry’urwaruka ririko ribera mu kigo ca Paroisse Saint Michel, ryakoranije urwaruka rwose rwo mu ma paroisse ya Diocese ya Bujumbura, rwipfuza kwigishwa ijambo ry’Imana. Abandi nabo akaba ari abaje bavuye mu ma paroisse icenda yo mu Buhonga na 30 baserukira abandi, hamwe n’abaje bava bo muma Paroisse yo mu ntara ya Muramvya.

Muri iyo Forum, urwaruka rukazoronswa kandi inyigisho za katikisimu igizwe n’ibice bine, amasakarementu, amabwirizwa y’Imana kuko rukeneye kwumva no kunaguka mu ndagano z’ibatisimu, Ekleziya ikaba igiye kuyishikiriza mu gihugu cose c’Uburundi.

Kubwa Patiri Mugabonihera, iyo Forum, igiye gufasha urwaruka guhinduka mu kudasamara, kubigisha uko bakwiye kwigenza na cane cane mu minsi y’amatora yimirije mu Burundi, kugira baze bagumane umutima w’urukundo no kwigenza neza nk’abana b’Imana bavukana muri Yezu Kristu.

Urwaruka rwose rukaba rwasabwe guhinduka mu gushingira intahe abandi Yezu Kristu, mu kubana mu mahoro n’urukundo no kuba urumuri n’umunyu mu kibano.
Mwomenya ko iryo koraniro ry’urwaruka “Forum des jeunes” rizosozerwa ku munsi w’Imana, mu birori vyo kurangiza inyigisho zizoba zimaze iminsi indwi ziriko ziraba, bizobera ku musozi wa Mont Sion Gikungu.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.