IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jumelage Jeunesse Burundi isaba kudahohotera abashikiriza ivyiyumviro (...)

Jumelage Jeunesse Burundi isaba kudahohotera abashikiriza ivyiyumviro vyabo

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Ku bivugwa yaba kugumuka canke guserura iciyumviro, ishirahamwe Jumelage Jeunesse Burundi riratanga umuco, aho umunyamabanga w’iryo shirahamwe avuga ko imigumuko ataho isaniye n’ukugaragaza iciyumviro ciwe.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE.bi, Dieudonnne NDAYIRAGIJE umunyamabanga wa Jumelage Jeunesse Burundi, avuga ko ku co bita kugumuka hamwe no guserura iciyumviro babicishije mu mugambi TWIYUNGE, bigisha urwaruka rwabo inyifato nziza imbere y‘amatora, mu matora hamwe n’iyuma yayo. Amenyesha ko umuntu wese afise uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe, kandi ko atakosa ririmwo, nayo imigumuko, akatumenyesha ko atanahamwe iba mu mutekano. Nayo ku rwaruka ruhurikiye muri iryo shirahamwe, uwoshaka wese gushikiriza iciyumviro ciwe, asaba ko hatogira uwumubera intambamyi, nabo abo bashikiriza iciyumviro, bakabigira mu bwitonzi ntangere.

Tukabamenyesha ko urwo rwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe Jumelage Jeunesse Burundi, bateguye inyigisho zijanye n’ inyifato ku rwaruka zibereye imbere y‘amatora, mu matora hamwe n’iyuma yayo. Izo nyigisho zikaba zariko zihabwa urwaruka rutandukanye rwo mu ntara ya Bujumbura, komine ya Mugongo Manga.


Bill Nkurunziza

Messages

  • Ibibintu muvuze ndabishigikiye, kuko imigumuko ninkimwe iheruka ngaha Bujumbura abayigiyemwe bagakomeretsa aba polisi bigibugu. Kuko ntagushikiriza iciyumbiro umenagura ibintu, wongera uvisha amaraso, ntibagiwe nogutukana.

  • Abarundi Iyaba Twubaha Imana Icodukora Tukabanza Kugisengera Duhuj-umutima Ntangorane Ziba Zihari,amasengesho Niyo Yohinduye Ibintu None Asenge Bande Ko Nabayivuga Bayivuga Kumunwa Gusa Kumutima Bitariyo!Mana Ubone Igikwiriye Uburundi!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.