IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Abadandaza bahumurijwe ku makenga bari bafise

Kamenge : Abadandaza bahumurijwe ku makenga bari bafise

jeudi 14 Myandagaro 2014

Isoko ya Kamenge iherutse kwubakwa ku buryo bwa kijambere yaruzuye, ariko igisigaye akaba ari ukwo ibibanza bizohabwa abazohadandariza.

Iyo soko ya Kamenge ikaba iri mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura yakiriye bamwe mu bahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, inyuma yaho iyosoko ihiriye igatokombera. Nk’uko bamwe mu badandaza babivuga, iyo soko ya Kamenge iramaze hafi amezi abiri yarahejeje kwubakwa, ubuzu bwa surwumwe burakwiriye, icumba c’ukubikamwo inyama canke ifi gikanye rwose naco nyene carateguwe, ariko ikaba iyo soko itarugururwa, ngo itangure gukora ukuri kwamye.

Umwe mu bakuru b’iyo soko akaba ahumuriza abadandaza. Nestor Cishahayo avuga ko iyo soko yahejeje kwubakwa, ariko igisigaye ari ugushirako inomero ku miryango yayo. Igikorwa co gushirako inomero kirangiye, Nestor Cishahayo avuga ko hazoca hakurikira gutanga ibibanza. Avuga ko abibaza ko ibibanza bizotangwa hakurikijwe akamwana wa mama atari vyo, kuko abambere bazohabwa ibibanza bazoba ari abari basanzwe bahadandariza kuva kera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.