IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Intwazangabo mu giporisi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana

Kamenge : Intwazangabo mu giporisi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana

vendredi 27 Rusama 2016, par egide

Colonel NDIKURIYO Jérôme, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, abo bantu bakaba bamutegereye ariko arataha, ageze muri zone Kamenge, hafi y’aho bita kuri Gare du Nord.

Amakuru atangwa n’abegereye iyo ntwazangabo yaraye inyurujwe avuga ko hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aho Colonel NDIKURIYO Jérôme asanzwe ari Komiseri mu giporisi c’Uburundi yategerwa n’abantu bataramenyekana, ariko arataha ava ku bunywero bwiwe buzwi kw’izina ryo KW’IBUYE.

Abo bantu baramufashe, bamwinjiza mu muduga (Double cabinet). Ayo makuru avuga ko Colonel NDIKURIYO Jérôme agifatwa yagerageje gutabaza, arakoma induru, ariko abajejwe umutekano bakaba bahashitse yamaze kunyuruzwa.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru, bakavuga ko iyo ntwazangabo yanyurujwe n’abagizi ba nabi bari mu muduga ufise iparati ndangamuduga ya IT (Immatriculation Temporaire). OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko inyuruzwa ry’iyo ntwazangabo ryoba rifitaniye isano n’amatati y’itongo ryiwe riri i Gihanga, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

JPEG - 20.3 ko
Colonel NDIKURIYO Jérôme, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yanyurujwe n’abantu bataramenyekana

Colonel Jérôme yari asanzwe aba mu Gasenyi niwe yari ajejwe umutekano wa Gerevasi RUFYIKIRI akiri umukuru w’inama nkenguzamateka, akaba ubu yakora muri CNA (Commission Nationale contre la Prolifération d’Armes et de petits Calibres), umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu banyagihugu.


IGIHE

Messages

  • Le Burundi nous fait encore une fois pleurer... est-ce une revenge contre l’assassinat de l’autre Colonel RUFYIRI?

  • Emwe biteye ubwoba none tugire gute. Ejo yari colonel en retraite, ubu ni colonel en activite. Emwe ivyo vyose ibiganiro inclusif nibinyaruke ahandi ho turagowe. Erega iyo niyo 3 eme mandant bababwira na bado

  • ariko none inzo ntwanzangabo zigenda atabazigendanira bahari kumwe. uko nugutamenya ibihe turimwe. Emwe le ministre gaciyubwenge wewe yari gaciyubwenge koko nta nakimwe yafata a la legere yagenda misi yose ni camion ya Basoda inyuma ni naho yashoboye kwicomokera .

  • basigaje kunyuruza nkurunziza

  • Akubwi iki kinyamakuru Igihe womengo nibo bamunyuruje. None ko mwadondaguye ukwo vyangenze nk’aho umengo niho mwari muri igihe yanyuzwa, kandi ntimuvuge ko ari n’abari bahegere babahaye aya makuru, ubwo vyerekana ko igihe yanyuruzwa ariho mwari muri. Ahubwo bandanya mutubwire naho yajanywe.

  • apo sawa nabado ,ingere kuyindi na Rufyiri yarumuntu mwica umututsi umuhutu nawe apfa uwo azotorwa arikiziga apres 3 jrs.

  • None ga yemwe amaherezo n’ayahe? bamwe bicwe bazira ubwoko bwabo, abndi bazire amashure bize, abandi bazire ubuzi bakora abandi nabo bazire amatongo n’amatungo yabo? Ewe Mana tabara abarundi turarushe, kura mu bantu bawe waremye umutima w’ubukoko ubahe umutima runtu.

  • Ivyo ntibizobura kuba no gusumvya ngaho bizoba niyo ibiganiro bitanyaruka ngo bihere ningoga natangazwa namashengero atofata ingingo yo kuja arasengera ivyo biganiro barindiye kuzosengera ingwano???

  • Ivyo ntibizobura kuba no gusumvya ngaho bizoba niyo ibiganiro bitanyaruka ngo bihere ningoga natangazwa namashengero atofata ingingo yo kuja arasengera ivyo biganiro barindiye kuzosengera ingwano???

  • Mbe ko nta Mana yaremye ubwoko mwe mwabivanyehehe?
    Mugisirikari no muburongozi ngo ubwoko????
    Abavuka ku bahutu n’abatutsi canke abatwa bobo mubashira hehe????
    Bafise ubuhe bwoko?
    Murihenda.Imana yaremye abarundi gusa nta bwoko yaremye.Mwa bijuju mwereke kwicana

  • Wewe wa Ntozo we wiyise Turaje, wewe uri inculte, wibaza yuko bibadanije gutyo vyoshika hehe? Hewe wewe uri umurundi? sindavyibaza nibaza ko uri agasega k´inyenzi katazi ivyo kavuga. ko wuva ko uri umugabo uraja kuvuga ivyo uhejeje kuvuga izuba ryaka harico wobona.

  • Ivyarivyo Vyose Kwabaye Ukwihora. Ariko Menye Ko Ataco Ivyovyose Bimaze Kiretse Ukwemera Aho Intahe Ishize.

  • ABABACUNGERA BARIHE MUGAMIKA AMAZOSIATAKIBARINYUM NKUBU WUNVA BISIGURIKA CANKE NAMAYERI

  • ABABACUNGERA BARIHE MUGAMIKA AMAZOSIATAKIBARINYUM NKUBU WUNVA BISIGURIKA CANKE NAMAYERI

  • Kugenda Atawugucungera Ubuzima Uri Umutegetsi Ubu Biracakunda? Umuntu Yohava Avugako Yashaka Kunyuruzwa!! Sinze Nsubire Kwumva Umutegetsi Yishwe Kubera Kwijajara Nk Ukwo Kuko Biteye Isoni.

  • ariko nigute colonel anyuruzwa gutyo nyene bikijana? Ntibazi kwigwanako? mutangure kuraba film za RAMBO muziga ingene bigwanako, nahubundi, puuuuu nta ba colonel murimwo!!!!!

  • Imana Imuzigame Yoyo Ishobora Vyos

  • None Ko Ajejwegukura Ibigwanisho Mubanyagihugu Abobamufashe Ntavyobaribafis Nagirayarigutsa Abibaka? Umugaboyigangaza Atarabona Uwundi

  • niyo ibiganiro vyohera ,niyo Sinduhije yotwara,niyo Nyangoma yotwara niyo Niyombare yotwara,niyo Nabuyoya yagarukako, niyo na prime yotwara niyo na Nyabenda yotwara, ect... ibi ntibizohera Yesu atagarutse. hagowe abana turiko tuvyara!!

  • ariko izo n’intwazangabo canke n’intwazangore ko atanumwe ndumva yirwanyeko bikanga, namaburi buri ngo yice umwe mubamunyuruje canke abamurasheko.

  • pole kbsa, bihangane gusa Burundi nkigihungu igomba gutandukana na Nkurunziza kuberako arabashuka kdi buriwese agira urubanza rwe ntawuzavugako yamushutse ngo yice abantu muzabaze interahamwe zo mu Rwanda nubu zirimuri gereza, harinyungu zabivanyemo se cg nigihombo? mwitandukanye nawe bitabayibyo mwese muzagendera mukigare.

  • C’est le plan Nkurunziza, son enemi hutu doit etre accompagner par un innocent pour distraire la population. Il n’y pas de probleme etnique au burundi.

  • Haaaa!Biratey Agahi Barakenye Batumare Amakungu Arorera!Abasenga Dusenge Jerome Imana Imuduhe Ari Muzima Turacavyizeye.

  • Haaaa!Biratey Agahi Barakenye Batumare Amakungu Arorera!Abasenga Dusenge Jerome Imana Imuduhe Ari Muzima Turacavyizeye.

  • none,abantutwararwira,mtagihecizana,atawupfuye,mivumwe,

  • none,abantutwararwira,mtagihecizana,atawupfuye,mivumwe,

  • Mwarijajaye reka babayore. N’ahandi hambere aho abatware nkabo ntibanywera ahariho hose! Mwavuye mwishamba muza murizanye mu buzima bw’igihugu mwagira ngo ni abanyagihugu bazorizimirirmwo gusa!

  • biteye ubwoba abakoroneri abajenerare barageramiwe

  • Col. agenda gute adafite abamurinda ahhhhh! ibintu by’abarundi ni danger. Ubu muravuga kandi u Rwanda? nta Col cg General upfa nk’imbwa wapi kbs.

  • Niba ata mateka mabi yari bwandikishe kw’isi no ku MANA,nizere ko abamufashe bazomurekura.

  • Sukunyuruzwa abo baza kwifatanya nabagwanyi ngo banyurunwe.ubwenge.com.

  • Uyo ari muri bamwe ba Bunyoni na Nyamihead bavuga ko umutekano ari wose.Ejo nyamitwe mutoyi imbere ya ba diplomates ntiyari yavuze ko umutekano ari wose?Mbe ni ubwoko ubuhe bwa securite aho colonel anyuruzwa nkanje umu people wo hasi?Bunyoni asigaye kutubwira ko Adolphe yahitanywe nubwinshi bw’umutekano ubona ko yubahuka.Emera mutange mandat nahandi ho muzumva ngo nkuru nawe aranyurujwe kuko ntasumvya ijunja colonel mu vya gisirikare.Yamara ntimwumva

  • non ub ntibabon ko abategetsi bater bahera?ay matohoz ya misi yos atac ashikako!muzob mumbarira kweri.

  • non ub ntibabon ko abategetsi bater bahera?ay matohoz ya misi yos atac ashikako!muzob mumbarira kweri.

  • NTAKUNDI NIYIHANGANE IMANA IRAMUBONA

  • 99% y’igihugu iratekanye!!!!!!!!!!!nta kajambo munyumvako

  • Ariko igisirikare cy’uburundi kirasekeje vraima umu cornel anyuruzwa gute? Ntagira abamurinda? Nukuri murakabya kwisuzuguzape icyo nigisebo kugisirikare cyanyu, mwibagiwe kutubwirako yagendaga namaguru!!! Hhhhhh hhhhh!!!!

  • Ntivyumvikana Nagato Ingene Abategets Bagisirikar Na Polic Bo Kumapet Nk’ayo Bohera Bapfa Nkimbwa Naz Nyen Zitagira Shebuja ,none Nibahera Bizogenda Gut?Kombona Umuriro Waka Uja Iyo Igisanze Gisigay .Abavuga Ko Ari Uruhigi Boba Babesha?

  • @signorine umuja wa CNDD FDD wisara ico utaraba Niki?
    nibindi bizoza kd uzobirebesha amaso yawe ntaco uzobikorako
    aba police , col ,gener ,civil wibazako bariko barazira iki? ubujuju ufise bwaguhumye amaso.

  • Jewe.Ndatangazwa.Nabambika.Ibara.Umugambwe.Urikubutegetsi.Ngo.Niwo.Unyuruza.Intwazangabo.Abo.Nabasibademokarasi

  • Ariko sinari nakabona injiji nk’abasirikare b’abarundi, cyangwa ni aba Civiles mwambika Uniforms mukabita abasirikare ndetse bakuru !! Colonel muzima afatwa matekwa gute ! Colonel muzima avuza akaruru ngo nimuntabare ! muri imbwa gusa !! izo nizo mbaraga muhora murata ngo murafise intwazangabo !!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.