IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge: Umugore n’umugabo bahitanywe n’amasasu batashe

Kamenge: Umugore n’umugabo bahitanywe n’amasasu batashe

mardi 27 Gitugutu 2015, par Jean De Dieu

Amasasu menshi yavugiye kuri gare du Nord mu Kamenge yahitanye umugore n’umugabo bari batashe mu Ngagara.

Ayo masasu avuze ku muhingamo w’uyu wa 27 Munyonyo, akaba yahitanye Désiré Njeje n’umupfasoni wiwe Justine Kakunze. Abo bahisi bakaba bapfuye barashwe, igihe bariko barataha mu Ngagara, bavuye aho bakorera kuri gare du Nord. Abo bahisi basize abana babiri, umwe w’imyaka itatu, uwundi w’umwaka.

Mwomenya ko Désiré Njeje ari murumuna wa Emmanuel Njeje yahora arongoye sentare ntahinyuzwa y’ Uburundi. Ivyo bishitse mu gihe mu gisagara ca Bujumbura, ata joro ricijana hatishwe umuntu.


IGIHE

Messages

  • Birababaje kandi birateye agahinda ko abarundi baguma bapha. I Burundi simbona impamvu yiyi ntambara. Haba abagwanya Leta co kimwe na Leta ntanumwe yosigura impamvu amaraso aguma.aseseka. Nyakubahwa President Nkurunziza hagarika iyi ntambara wumvikane nabakugwanya

  • Abo ni ba batutsi b’aba sans echecs bariko barasotora abanyakamenge,abo ni bamwe batera kuri centre jeune no mu kabaret bagiye kwicirayo abo bantu,abanyakamenge mwirarire mufashanye na police

  • huu emwe nakakamuna nne ubu kok turakenyeye uburundi bube nka somaria

  • Imana ibakire ,ivyibujumbura biragoy gos mukuri ,ababuze nabo nibihangane.

  • Imana ibakire ,ivyibujumbura biragoy gos mukuri ,ababuze nabo nibihangane.

  • turateye ivyatsi ubwicanyi nkubwo jewe ndibaza bizoherera he?

  • Iyo nimitwe sha nigute yari guhitana abantu babiri bo murugo rumwe? Bobo nibo bari kumva amasasu bakabandanya baja mwibarabara? Mchezo wa ndani kabsa.

  • Ivyobintu Birababaje Abobana Bagiye Kuba Impfuvyi Kubera Abigira Ngo Bariko Barwanya Umukuru W,igihugu Nibareke Imyaka Itanu Simyinshi Mureke Kutumarira Abacu Mutubesha Ngo Ni Leta Ubu Babatuma Bibereye Iburaya Mubona Mutagomba Kutumarisha Nimubareke Abobahutu Nabo Batware

  • aho uvuga ngo bareke abahutu batware nkuru niwe wenyene afise amazuru manini mumugambwe wacu?

  • Reta nifate ingingo yo gukura Abaporisi mu banu

  • Ariko barundi barundi kazi? ibi nibyo mwahisemo????? mana we birambabaje. Ubu muri kwicana, mwica abavandimwe banyu, ababashize muri aka kaga bigaramiye abenshi ndetse bibereye mu mahanga. mwasubijei nkota mu rwubati koko? ubuse koko uyu muryango wazize iki. izi mfubyi basize se zizize iki? Abarundi abensh iahari nta bwenge mugira. Mwaretse kwicana koko. Ibyabaye mu Rwanda 1994 na mbere yaho ubu koko nta som omwakuyemo.

    Ayiwee. ubu nsigaye ntanga kumva ibibera iwanyu kuko, iyo mbana inzirakarengane nk’izi. moara igihe rwaye. Imana itabare abarundi

  • Rebe abababwiye ngo ni muje mu mabarabara bose bigiriye i burayi bararya bakaryama bagasinzira nta nkmyi namwe ubu murara rubunda abandi barishwe!! Rebe mwebwe muriko murica benewa ubu, ababibatuma ejo bazobatumako abandi namwe mwicwe mutibagiye ko amaraso y’umuntu ari ikizira sinzi. Ni mukanguke mugeze ngaho kandi ntihaze hagire uwusubira kubahenda ngo kora ibi ni democratie n’ibindi...., DEMOCRATIE nyakuri si ukubisanya k’ubutegetsi, haba namba ahubwo ni iterambere, umutekano n’ukubaho neza kwa benegihugu!!!!

  • ivyo baguma bavuga ko mu burundi hari umutekano 98% nukubeshya kuko ntajoro ryizana hatamenetse amaraso jyewe icyo mbona nuko leta yotangaza ikemeza ko mu burundi hari INTAMABARA atari ubwicyanyi noneho amakungu adufashe gutorera umuti iyo ntambara

  • ivyo baguma bavuga ko mu burundi hari umutekano 98% nukubeshya kuko ntajoro ryizana hatamenetse amaraso jyewe icyo mbona nuko leta yotangaza ikemeza ko mu burundi hari INTAMABARA atari ubwicyanyi noneho amakungu adufashe gutorera umuti iyo ntambara

  • Reka ncuti dusengere igihugu cacu tuve mumacakubiri nibindi bidutandukanya kuko u Burundi burageramiwe gose kuburyo benshi batabitahura,reka ndabacire muncamake,kugira Nkuru agume kubu tegetsi vyatumye abitegura kuva kera nko gu crea la jeunesse Imbonerakure,murumva ko iryo zina rifise signification ataco ihisha ntiyagejeje ngaho aca yifatanya na FDRL arizo nterahanwe twese tuzi aho ibirindiro vyabo biri,ubuho basigaye barabajanye mu Kamenge muri Camp ya Soqaurtier,ntiyashirwaazana une 50ntene de la force special chinoise bari

  • Bamwe bamwe mupfa kuvuga ivyo mutazi. Abo bantu bishwe n’abarebelles barasira mu mazu yo muri quartier 6 mu ngagara.Ubwo natwe twari muri embouteillage nini cane hafi yaho babarasiye natwe bariko baraturasa amasasu menshi badacagura n’uwo barasa. Hari abavuye mu miduga bariruka muri quarier Kigobe. Natwe twaciye dukatira kuri Université du Lac mu Kigobe n’izindi modika nyinshi tubona gukira gurtyo. En tout cas, abo barwanyi boza bararaba ntibapfe kurasa mu kivunga ejo bazohava basanga bihekuye.

  • Birabaje Kand Birateye Agahinda Cane Cane Kurivyo Bibondo Bisigaye. Mwihangane Ncuti Zuburundi Mwese Mwabuze.

  • Politique yo guhonya imiryango. Ubwo n abana baba bahisi bararaba neza

  • Wewe fidelite uri shetani iba mubantu urakokeza ubwicanyi. Hanyuma ejo uzoba uvuga ngo uri umututsi.Abantu nkamwe ntimukwiye kuba muri societe ni kimwe no gufata amazi meza ugashyiramo umwanda. Uri umwanda wari ukwiye kuva mubantu. Abantu nkamwe aho muri ntamahoro abayo ni nko mumuriro

  • Imana iharire abantu bose bariko barasesa amaraso yabene wabo atacobazira!Kandi mumenyeko Imana mukurema umuntu yamwishushanijeko kandi atabwoko yavuze!umuntu wese afise amacakubiri niyihane yisubireko agifise umwanya!

  • Ariko ayamakuru arimwo amahinyu, nigute boba bahaye bumva amasasu avuga urutavanako bakaruha inda, uretse nkumbure ko boba baguye muburyo bwo kuba bariko bakingira abagizi banabi, nkuko twamaze kumva ko ariko vyoba vyaribimeze, "uwikwegera ikara mugashambara riramuturira" be mubanza gutohoza neza.

  • Uwicish’inkota none azicishw’indi!!!!! mwihane musab’ikigogw’Imana :gihinomu irabarindiriye!!?

  • Fidelite we,urikivume wewe uzana amacakubiri!umenye koruriye abandi rutakwibagiye!nubuvuga neza

  • none ko bavuga ko ata busambanyi ,ubwicanyi ni bwo bwiza. Imana yaka ibibi vyose bihitana ikiremwa cayo, korera umuriro azosha ubona

  • Ubwoko bw’Imana ntibuhera mwa bangushi mw. Nkurumbi temba.uzopfa atagipfuy kuko wapfuy kera

  • Ngohakobazobibakira ubusa ngobihaye kubikoresha burijoro mukwica!!! Ndavuga abaribarahawe ibirwanisho vyokwakira abasirikare bu Rwanda ngwigihe barikubabahejeje guterakudeta Nkurunziza ngohanyuma haga hava habaho abarundi bagarariza uwo Kagame yategetse kwaba prezida wuburundi, ngononerero kwibuntuvyasegose kandivyumabaramaze kubibaha ngokandi bakaba babona ivyuma aba Chinwa bahaye inzego zumutekano vyerekana aharibirwanisho aringombwa bazobifatanwe, atirero nukubikoresha burijororyose ukworirashe. Uruhusha rwikuvyicisha abarundi buri ukwobarose akaryo baruhawe nabakuru bomuricakintu ca Nyangoma ariko Nyangomanawe ahawe inama namategeko avuye Kigali Rwanda ngonubwo arukwikura ivyobikoresho ngoharigihe mukwica abarundibeshi wosanga birabashikanye kukindikintu ngonko kurunguka ingabo mvamakungu mu Burundi ngwivyo vyotuma ivyotwagashatse bikunda, uwomuntu wa Kigali aganira nabantuba Nyangoma yaravuzeko ngonabo ngwiye batiheka kugabo mbamakungu zarimurwanda ngovyarikubagora gushikira ivyobashaka, ngontimugire ikinya ngwabantu barikobarapfa bikore!. Reka dukoneze gushimira abantubacu barimu Rwanda yababariyo bisanzwe ba barundi yababariyo nkimpuzi, canke abanyarwanda bakomeje kutubwira ibipangirwa Rwanda, ariko ndikondababazwanuko bamwemengo batanguye kubikeka kobobabamena amabanga kuko abataribake babashize mubusho.

  • ABARUNDI MUSIGEHO KWIHEKURA, ABO BABATUMA KWICA BENEWANYU EJO NAMWE BAZATUMA ABANDI BAZE BABICE NAMWE. BIRARENZE KABISA IBI NTABWO ARI 3EME MANDAT GUSA,HARI IKINDI KINYEGEJE INYUMA, KUKO MANDATA YO IGEZE HAGATI KANDI PETER YEMEYEKO ATAYINDI AZOFATA HANYUMA. NDUMVA MWASHIRA UBWENGE KUGIHE MUKAVA MURUBWO BWICANYI.

  • Abo ba sindumuja bigize incungu za ma accords ya arusha nibo bariko baramara abantu mu gisagara,wewe woza kuba incungu y’ivyandiko vyo mu bipapuro utazi n’ababisinye,ngo baharanira iki,mbe ntimwababonye ku ma barrières?ayo ma accords avuga democracie,amatora,mbega burya hari uwurumva abo ba sindumuja barwanira amatora?Eka da.Ahubwo nibazako hari ibindi barondera muri ayo ma accord bazi bonyene atari amatora,ari amatora bari kuyategura bakirukana peter mu matora,ndagusavye ntu bari bamaze igihe batica baronse akaryo,bihaye kuja gusotora mu kamenge bavuye mu ma karitiye contestataires bahitondere tuzobereka.

  • @sungura pour l’instant ntirurambona ,reka nivugire sije nazanye abatutsi i burundi,rero amacakubiri ntayo nzi.

  • ABANTU BIBAZAKO BAZOHASHA ABARUNDI BAKORESHEJE KWICA HARIHICO BATAZI! UMVANDABABWIRE KERA NYUMA YIGIHEKIREKIRE ABANTUBICWA KUBWISHI BABAZUZA NGONABANENJA NARINZIKO ABARUNDI BOSE BOTABAKOMOKA UBURUNDI BUGASIGARAMWO ABICANYI GUSA, ARIKO ABANTU BARABUGUMYEMWO KUGEZANAHO ABANTU BABAHOBAZIKO UMWANYAWARIWOWOSE BAZAKUBABICWE, INYUMAYIVYO HACIYE HADUKA UMURWI WABARUNDI BIYISE PAREPE HUTU, UWOMURWIWABOBARUNDI WARASWECANE KUGEZANAHO HARIHOBISHI BISHE BABITA KWARABO MURUWOMURWI KANDINUVYUKURI BATARIBAZI IYOBIVA NIYOBIJA. ARIKOVYO NTIVYATUMWE ABISHIZE MWUWOMURWI BAVAKWIZIMA. IVYORERO ICONDABIVUGIYE NIKIGIKURIKIRA: MUVYUKURI NIHABA NGAHAMUBURUNDI HARIHO ABANTUBAFUSE AMARASO ARINDA NKABANTUBARIMWOWOMURWINAVUZE NDABARAHIHE KUNGUVU NTAWUZOBASHIGINYURA BIKARUHIRIZA NIHABAHOHO BARIMUBUTEGETSIBWIGIHUGU WAMUGANI WAWAWUNDI NTAWUKORAKO NIMPAKA KUWANYUMA NTIBIZOKWOROHA MUKORESHEJE KWICA, ICOBACIZA KWARI KWEMERA MUKAGANIRA ARIKONUBUNDI UWURIKWARICA BIZOMUGORA KUVUGANGO NIJEWE MAZABARUNDI NDABICA NGONDAJE KUGANIRA. ARIKOBARICA UBUWOMENGO BARARYOHEWE ARIKO EJO AHOBAZOHINDUKWA NABOBABOBA UYUMUSI BABAKUNDA BAZOKWICUZA. MURAZIBAZA UMUGABO WUMUKONGOMANI YITWA BOSCO NTAGANDA, UBWAMBERE BARAMUSHIGIKIYE KUGEZANAHO BAMUSABIRA KUJAMUNZEGO ZAGISIRIKARE ZOHEJURU AHEJEJE KUGISHIKAMWO NGO FATA UWOMWICANYI!.

  • Nibihangane kuko bakwegewe na ba ndandende,kandi nabandi bapfuye bakiriko mugihe abobatutsi batosubiza inkota mu rwubati

  • Ndi Eulade Butaganza Kayanza :iciy Abakoze Ico Kibi Bakwiye Guhanwa N’amategeko Kubera Bishe Abantu Ntibishe Intunywa

  • IBI NAGATANGABARA IBURUNDI. MANA TABARA ABARUNDI

  • MANA TUGIRE IKIGONGE TWESE TURABACUMUZI

  • Mwihangane analogous contraindication
    Imams itabbareabarundi

  • imana ibakire abo bantu abana nabo imana ibakire.

  • imana ibakire abo bantu abana nabo imana ibakire.

  • Nikuki Mugihugu Cacu Ubwicanyi Bwaba Ndanse?Aho Abajejwe Umutekano Vyabananiye?Canke Nabonyene Babifisemwo Uruhara?Bakwiye Kwisubirako.

  • Birababaje bantumumenye uburundi satani arabwanka kukoburimwabasenzi nimuzedusengevyukuri dupfetwizeye ubwambere ngobarabahutunabatutsi ubunahoniki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.