Accueil > Amakuru > Kaminuza Espoir d’Afrique iguma iramura incabwenge
 Kaminuza Espoir d’Afrique iguma iramura incabwenge
 Kaminuza Espoir d’Afrique iguma iramura incabwenge
				
				dimanche 16 Kigarama 2012
Nk’uko bisanzwe muri iryo shure mu mpera z’umwaka haba hari abanyeshuri benshi basoma ibitabo vyabo bivanye n’igisata umwe wese ashaka guheza. kugirango bazahabwe impapuro z’umutsindo zabo ku munsi uba ku mwisho w’umwaka wamashuri ico bita (journée de graduation).
Amezi abiri ya nyuma y’umwaka w’amashuri ico gikorwa kiba kiriko kirakorwa ,kuri uyu wagatandatu kw’igenekerezo rya 15/12/2012 ibitabo vyasomwe kubwinshi kuko wasanga mu kibuga c’iryo shuri hari uruja n’uruza rw’imiduga n’abantu baje kwirabira uko bagenzi babo canke abana babo basoma ibitabo vyabo. Muri abo harimwo abo mu bihugu bitandukanye nk’uko ishuri rya kaminuza y’ivyizigiro vya Afirika ari ishuri mpuzamakungu.
Bamwe mubasomye ibitabo vyabo twashoboye kuganira batubwiye ko baryohewe kuba basomye ibitabo vyabo ku mugaragaro ndetse n’amanota baronse akaba ari meza.
Twavuganye n’uwitwa Mwenedata Cassim yaronse  amanota 80% mugisata ca ‘’Informatique Pure’’ ndetse na Zawadi Angelique  yaronse  amanota 90% mu gisata ca ‘’Service social et Devellopement Communautaire’’. Abo bose bakaba ari  abanya Rwanda, twavuganye kandi n’umukenyezi yitwa Kubota Salia Frorence yaronse amanota 89% akaba ava mu gihugu ca Kongo  n’abandi batari bake.
Kuruhande rw’ababaherekeje nabo, abo twavuganye,batubwiyeko bishimiye kuba batewe iteka mu miryango yabo yo kuronka incabwenge zo muri kaminuza y’ivyizigiro vya Afirika.
Ari abasomye ibitabo vyabo uyu munsi ndetse n’ababisomye imbere yaho  bose bazohabwa impamyabushobozi zabo ku wa gatanu  kw’igenekerezo rya  21/12/2012   nk’uko biri muri ku rutonde rw’iryo shure ko kuri iyo tariki ari journnée de graduation.
Kw’ifoto: kaminuza Espoir d’Afrique
Sengurebe Joel

