IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kaminuza y’i Ngozi yanse kwakira abanyeshure barenga 10 inyuma y’ingingo ya (...)

Kaminuza y’i Ngozi yanse kwakira abanyeshure barenga 10 inyuma y’ingingo ya sentare

vendredi 4 Nzero 2013

Abanyeshure barenga 10 biga kuri kaminuza y’i Ngozi baheruka kwirukanwa kubera bashize ahabona bashize ahabona zivuga ivyerekeye umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa. Baritwaye mu butungane baratsinda none kaminuza yanse gukurikiza ingingo ya sentare.

Pierre Madaraga arongoye inama nkuru y’ishure kaminuza y’i Ngozi amenyesha ko vyose bikorerwa mw’ibanga ku vyerekeye urubanza rw’abanyeshure barenga 10 bagirizwa gusohora inyandiko zivuga ivya Zebiya Ndengakumana avuga ko yama abonekerwa. Abo nabo bakaba barirukanywe haraheze amezi arenga 10.

Vyose vyatanguye mu ntango z’umwaka w’2012. Abo banyeshure bemera inyigisho za Zebiya Ngendakumana bashize ahabona igitabo kivuga ingene uwo mwigeme abonekerwa. Baravuga n’ibigiye gushikira igihugu. Impari zabaye umurengera gushikaho ivyo bitabo bihabwa abategetsi bakubakuru batari bake.

Kaminuza y’i Ngozi yaciye ifata ingingo yo kwirukana abo banyeshure barimwo abiga mu mwaka wa 4 n’uwa 5 mu gisata c’ubuganga hamwe n’abandi baheza igisata c’amategeko.

Abo banyeshure baciye bitwara mu butungane banka kuva kw’ishure kaminuza y’i Ngozi bavuga ko ari uburenganzira bw’abo nk’incabwenge mu kwandika ibitabo no gusohora ivyandiko. Ubu rero baheruka gutsinda urubanza ariko kaminuza yanse nayo gukurikiza ingingo ica yunguruza urubanza muri sentare isubiramwo imanza y’i Ngendo. Sentare yasavye ko kaminuza yokwakira abo banyeshure mu kurindira ko urubanza rwa nyuma rucika ariko kaminuza yavyanse kwakira abo banyeshure.
Uwurongoye kaminuza amenyesha ko badashobora kwakira abo banyeshure kuko ngo ibintu ntibiradadanuka neza.

Abo banyeshure baratangazwa n’iyo nyifato ya kaminuza y’i Ngozi ku ncuro ya kabiri yo kugarariza ingingo ya sentare.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.