IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero

Kanyosha : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero

dimanche 1er Rusama 2016, par egide

Ubunywero bita KWA KINGI buri muri zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura bwatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye. Umuntu umwe niwe yagandaguwe muri ico gitero, abandi barakomereka.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho bateye ubwo bunywero nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, uwo yishwe akaba ari umunyagihugu azwi kw’izina rya Olivier yari muri ubwo bunywero, abandi bataramenyekana igitigiri nabo bakaba barakomeretse.

Amasasu hamwe n’amagerenade vyarumvikanye kandi muri zone ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu. Ivyononekaye muri ayo masasu bikaba bitaramenyekana.


IGIHE

Messages

  • mukinama biranzwikwa rutugwitwa peter twimbonerakure turagisibije inkohobazitwara kumutagariva uwobiyumviriye arara anyurujwe bukeye tumusangamukinyankomge biragaragara amakungu adatabayevyihutaturahera ntagisivya

  • EMW ABARUNDI BUCADUHONA TWESE YESU GARUKIRA ABARUNDI BAW! TURAHONY

  • ego vremen nivyo ariko ntabwo hapfuye umuntu umwe hapfuye babiri ntabwo mubesha nibimenyesha makuru biravyemeza nimusubiremwo muvyandike neza.ariko dusabe abo babikora babireke ntanyungu numutahe uri mumaraso.bireke sivyiza tubane mumahoro numutekano

  • Uburundi Bwararose Amacuniro Yabantu?None Prezida Ntiyorekura Manda Erega Turashonje Nayobandayifis Sinoyirarana Ubusa.

  • Abo bica ntibashobora guhagarika kandi ababatumye batababwiye ngo bahagarike. Simoni Ntamwana hamwe na Pasifike nibo bakwiye guhamagarira ingabo zabo guhagarika kwica abo bantu naho baba bariko baranywa izo nzoga kandi ari icaha.Nubwo biri uko ntibari bakwiye kwicwa urwagashinyaguro.Ntamwana - Pacifique nimwisubireko muramaze abakatolika kuko ntabandi baja mu ma bars.

  • ABOBICANYI NTIBOGEZHO UBWO MURINUBWENGE MWIBIKE GAYINI NA ABIRI UKO VYAGENZE MUZOPFA MWANGARA MUGIRANGO MUHIMAPITA MURIBECHA ESEKO MWISUNGA AKAJORO JAHABONA BABARUME DUFISINGABO ZIHABONA MURIHENDA UKOMWICA NIKONAMWEMUZOPFA

  • Nkuyu avuze iki, amakungu atabare nde, absteroriste bariko bica abanyagihugu batobato ese bumva bizabashikana kuki ko ataco ivyo bizatanga bazaca babashira kuri liste noire baronderwe n amakungu nta cindi bizabamarira umuntu yinjira mu bar akica abanyagihugu nka bimwe vyo mu gatumba cera yumva vyamushikana kuki? " uyo yiha inkumbi yumva yashika kuki ko amaraso ahona,,?

  • Reka Gutanako Imyikomo , Muga Biravugwa Ko Cnard Yabwiye Abobikorana Kuja Irica Abantu Kubwishi , Nacane Cane Yasavye Ko Hoza Haricya Ababa Bakoraniye Hamwe , Nko Mubunywero Mumasoko Mumashengero Nahandi , Turatumiriye Abantu Bose Bikunda Kuvavanura Ningeso Z’ukuja Muma Bar Mwijoro , Turasabye Leta Yuburundi Ko Mumanama Yumutekano Bobwira Abenegihugu Ko Kibujijwe Kugurura Ubunywero Nyuma Ya18 H , Kiretse Ahacungerewe N’Ingabo

  • mbe?? ubwicanyibuzohera ryari?

  • Ntakundi,nukubandanya bihangana kuko,ubwinyi muburundi basigaye bumeze nkurukino,ntibamenyeko Ihorihoze.

  • ntakundi kuk muburundi hasigaye arikumacuniro iyo habuze iyihagarama bababara

  • NUKURI ABANTU TWARAMAZE KUBA IBIKOKO NTITUGIKUNDANA DUSIGAYE TURI INTAMBWE.IYO TUBA TURANGA NURUKUNDO NTANDYANE ZIBA ZIRI MU BURUNDI.

  • NUKURI ABANTU TWARAMAZE KUBA IBIKOKO NTITUGIKUNDANA DUSIGAYE TURI INTAMBWE.IYO TUBA TURANGA NURUKUNDO NTANDYANE ZIBA ZIRI MU BURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.