IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Karuzi : Imvura ivanze umuyaga n’urubura yatikije imirima

Karuzi : Imvura ivanze umuyaga n’urubura yatikije imirima

jeudi 13 Ntwarante 2014

Mu ntara ya Karuzi imvura ivanze umuyaga n’urubura, yaratikije ibitari bike mu makomine ya Buhiga, Bugenyuzi na Gitaramuka. Urubura rukaba rwaboneka ari rwinshi hasi inyuma y’iyo mvura.

Iyo mvura yaguye kuri uyu wa 11 Ntwarante uyu mwaka muri izo komine ikaba yarononye ibintu vyinshi, aha tukavuga imirima itandukanye, amazu y’abanyagihugu yagurutse n’ibindi vyinshi. Imirima y’ibitoke, imirima y’ibiharage n’ibindi biterwa bitandukanye, bikaba vyahuye n’iyo mvura irabitikiza, ndetse ibitoke vynshi ukaba wabibona biri hasi, co kimwe n’ibitara vy’ibiti vyaguye hasi kubera umuyaga mwinshi wari muri iyo mvura.

Abanyagihugu bo muri komine ya Gitaramuka, Buhiga na Bugenyuzi bagasaba abagiraneza kubagarukirako na cane cane babafashishe amabati yo gusakara amazu co kimwe n’ibifungurwa. Abahuye n’iyo mvura bavuga ko uretse ko batagira aho bakika umusaya kugeza ubu, batagira n’ico bafungura, kuko aho bahora baja gusoroma mu mirima, hahuye n’iyo mvura yari ivanze n’urubura.


Aristide Nizigire

Messages

  • Munteye akababaro ubwo rwose ntiyahitanyemwo nivyiwacu murugo uwoba afise amakuru yoyangezaho papa yitwa uwitoze erasto kumutumba nyarutovu aho ni mugitaramuka rwose ndaterefona ntiyinjire umbwo bantu bo kugihe mumbarize ko boba batari hanze hanyuma mubampere iyi aderss tel27 783201857.nuko musoreze ubutumwa imana ibarinde.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.