IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kayanza:Hatowe ibiziga 3 vy’abantu bishwe

Kayanza:Hatowe ibiziga 3 vy’abantu bishwe

mercredi 26 Kigarama 2012

Abantu batatu ntibaronse amahirwe yo kurangiza umwaka w’2012 kuko bishwe mw’ijoro rya Noel mu makomine abiri y’intara ya Kayanza. Babiri barakuze uwundi n’umwana. Igipolisi cataye muri yompi abantu babiri bakkekwa ko ico caha.

Uwambere n’umutama w’imyaka irenga 60. Yiciwe ku musozi Rudehe komine Matongo intara ya Kayanza, yatowe ikiziga kuri uyu wa gatatu italike 26 Kigarama. Vyaboneka ko yakubiswe ikintu mu mutwe. Yaramaze igihe atabanye neza n’umugore wiwe n’umuhungu wiwe kubera amatati y’amatongo. Abo nabo baciye bafatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.

Uwa kabiri n’umwana w’imyaka 4. Yoba yanizwe na nyina wiwe kuko ikiziga c’uwo mwana cari kiboneka ko hari umuntu yamuriye inzara mw’izosi. Uwo nawe ikiziga c’iwe catowe kuri uyu wa gatatu muri komine Muhanga intara ya Kayanza. Nyina wuwo mwana yishwe yamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.

Uwugira gatatu n’umutana w’imyaka irenga 60. Ikiziga ciwe catowe kireremba mu ruzi Ruvubu muri zone Ndava komine Muhanga intara ya Kayanza. Mu mutwe hari igikomere kinini, biboneka ko yakubiswe ikintu c’icuma. Abamwishe ntibaramenyekana.

Ubuyobozi bw’intara ya Kayanza hamwe n’igipolisi bumenyesha ko bugiye gukomeza amatohoza kugira abakoze ubwo bwicanyi ahanwe hisunzwe amategeko. Basaba abanyagihugu gutabarana iyo hagize umuntu atabaza ko atewe n’abagizi ba nabi hamwe no gutabaza igipolisi hagize uwugira ico yikeka.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.