IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abagabo bemerewe kwubakana n’abagore benshi

Kenya : Abagabo bemerewe kwubakana n’abagore benshi

samedi 22 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Kenya, inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko ku bubakanye, umugambi wemerera abagabo kwongereza igitigiri c’abagore bose bipfuza kubana, n’aho batorinda kubaza abagore basanzwe bafise.

Abashingamateka b’abagore basohotse mu nama nshingamateka biyamiriza iryo tegeko ritanga uburenganzira ku bagabo bwo kwubakana n’abagore benshi, kandi ubwa mbere itegeko ryari rihari ryavuga ko abagabo bobanza kubaza abagore babo ico bavyiyumvirako. N’aho ubu abagabo batazohanuza abagore babo, bisabwa gusa ko umugabo yandikisha umugore wese azoba yiyongeye, kandi uwo mugore ntabe ari munsi y’imyaka cumu n’umunani.

Mwomenya ko ivyari mw’itegeko ryahahora, bivuga ko abagore bafise uburenganzira bungana n’ubwa bagabo mu kugabura amazu bishitse bagatandukana, ubwo burenganzira bwangana n’ubw’abagabo bwagabanijwe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.