Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abagendesha imiduga yunguruza abantu n’ibintu baragabishwa
 Kenya: Abagendesha imiduga yunguruza abantu n’ibintu baragabishwa
 Kenya: Abagendesha imiduga yunguruza abantu n’ibintu baragabishwa
				
				vendredi 30 Myandagaro 2013
Mu gihugu ca Kenya imodoka yo kwunguruza abantu n’ibintu yaragize isanganya hapfa abantu bagera kuri mirongo ine hamwe na mirongo itatu bakomeretse, hari mw’ijoro ryo kuwa 28 rishira kuwa 29 Myandagaro. Amasanganya mu mabarabara rero amaze iminsi yibonekeza mu gihugu. Igitigiri c’abitaba Imana catumye umukuru w’ico gihugu Uhuru Kenyatta agabisha bene amamodoka yunguruza abantu n’ibintu n’abazinyonga badakurikiza amategeko y’amabarabara.
Iryo sanganya rero ryabaye nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro nk’uko bimenyeshwa n’abari begereye aho ryabereye. Ryari isanganya riteye ubwoba kuko imodokari yose yasanzaye ikaba ubunywenywe, abantu barimwo batorwa ibiziga vyabo vyononekaye cane, intebe zayo ziramanyagurika, amaraso yuzura ibarabara, utuntu dutandukanye twabarimwo turasanzara impande zose.
Iryo sanganya ryabereye ku birometero 130 mu burengero bw’umurwa mukuru Nairobie, iruhande y’ahitwa Narok. Iyo modokari y’ibibanza 62 yarahushije ibarabara ica itembagara yizunguriza ku gasozi. Igipolisi kimenyesha ko kitashoboye kubona uwariko arayinyonga kuko atari mu bapfuye canke mu bakomeretse.
Nta ndwi igihera ibimenyeshamakuru mu gihugu ca Kenya bidatanganje amasanganya y’imodoka zunguruza abantu n’ibintu, abanyagihugu bakahasiga ubuzima. Kubw’ivyo, bene izo modokari n’abazigendesha bagiye kuza barafatirwa ibihano bikomeye, ivyo bikaba ari ibiva mw’itangazo ry’umukuru w’igihugu rimenyesha ko bagiye gutegura ibihano ruhasha.
Mu mwaka w’2012 wonyene, abantu barenga 3 000 baharurwa ko bahitanywe n’amasanganya yo mu mabarabara mu gihugu cose.
Ndayikeza Prosper
