IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kenya: Imbonerakure ziragirizwa kugira uruhara mu rupfu rwa Jean de Dieu (...)

Kenya: Imbonerakure ziragirizwa kugira uruhara mu rupfu rwa Jean de Dieu Kabura

jeudi 7 Nzero 2016

Indongozi z’urwaruka rwumugambwe CNDD FDD Imbonerakure mu gihugu ca Kenya,baragirizwa n’abarundi baba mu gihugu ca Kenya kuba baragize uruhara mu rupfu rw’umurundi Jean de Dieu Kabura,yiciwe urwo agashinyaguro mu gisagara ca Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya mu ntango z’umwaka w’2016.

Amakuru ava mu makambi y’impunzi muri Kenya ,Ubuganda na Tanzaniya amenyesha ko hoba hari bamwe mu bakozi b’igendereza mu Burundi hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure rujana kunyegeza ibirwanisho mu makambi y’impunzi.

Ayo makuru nyene,amenyesha ko hoba hari umugambi uriko urategurwa n’urwaruka rw’imbonerakure wo kwinjira mu makambi y’impunzi y’abarundi ari mu gihugu c’Urwanda.

Muri iyo ntumbero nyene ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR rimenyesha ko ritewe impungenege n’umutekano mu makambi y’impunzi ari hafi y’urubibe Uburundi buhana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


IGIHE

Messages

  • Mwiriwe canke mwaraye bivanye kuwariwewese ahaherereye.
    Kuribivyanditswe ngaha bivuga kumbonerakure sivyo ntanagashatsi. Umvandababwire neza impamvu batanguye kuvuga ibintunkibi hariho ibintu bitatu bibitumwe, icambere gutera uburundi icese birabataye barikobarabitinya bakabona uburero suma atahovyoshika urevye inzego zumutekano zuburundi ukuntu zigabirije kandi zishiririye kandibakaba barabigerageje bakibonerako . icakabiri hariho abarundi beshi bahunze canecane abahungiye Rwanda abeshi baribasanzwe bafise inkuruzivugako uwushaka kujakwibera mubihugu vya Bulaya vyoroshe iyobari mumajambo yimpunzi ariko bitoroshe kobojayo barimugihugu cabo, noneho rero igihe baronkeye abatezakaguma abandi bagahamagarira abarundi guhugu abeshi ntibazuyaje baciye bavugango iryavuzwe riratashe. Arikorero bamaze kugera Rwanda ntivyabahiriye ahubwo ivyashizwe imbere kaabaye kubahamagarira kuja muvyo gusubira Burundi kuzabarica abasigayeyo ivyorero vyarabababaje cane kuko vyatumye batangura kuzabarabwira abamenyeshamakuru mpuzamakungu nabamashirahamwe mpuzamakungu ibibakorerwa batariye iminywa ubonako babonako navyo vyotuma barushaho kuronkamahirwe yikucabajanwa Bulaya. Icagatatu, u Rwanda rwahakuye kubanka urunuka kugezubu twatanguye kurondera abantu rutegura bazokora nkivyihebe bakazoja mumajambo yimpunzi zabarundi ziri Rwanda bakayatera bakazica bakazihasha noneho abajejwe umutekano bu Rwanda babafata bakazica bavugako ar’Imbonerakure zarungitswe na Nkurunziza canke reta arongoye ngononeho u Rwanda ruzoberukoreye kimwe ibintu 2 arivyovyibi: ruzobarwihoye abobarundi bimpunzi barushize ahabona ko rufasha mugutegura abajaguteza umutekano muke nokwica mu Burundi ikindi hazocahashika igihecamatora mu Rwanda muri 2017 ibintuvyumutekano bimezenabicane abantu arukwiruka bagaruka bongerabagenda maze aravugako Kagame adakwiye kwitoza bacebahindura imvugo kuko urwanda ruzobaruri mukavuyo.

    URWANDA RUKOMEJE KANDI KUMENYAKO ABATUTSI BAHUNGIYE RWANDA BABARUNDI BAKOMEJE GUHA INKURU ABATUNTI BI BURUNDI BAKORANA NA NKURUNZIZA , NZOBABABWIRA UKOBIMEZE VUBA.

  • mana niwewe.woku dukiza amoso
    zi abarundi twese dusengere.igihugu cacu catwibarutse ??

  • Nimba imbonere arizo zakoze iryobara ,nuko boronderwa bakahanwa. cakabiri, iyo nteguro yo gutera impuzi mumakambi, ya Tanzania nawu Ganda Jewe ukonzi igisoda Tanzani baragena hazogaruka umwe nigihimba. nka boneraho gukebura Impunzi zomwa yo ma Camp bakibonye ayo makuru yatangajwe kurubuga,bihute kubimenyesha abajejwe umutekano wico gihugu batuyemwo. burya rwi buye riserutse ntirimba ricishisuka.ndazi ubwo buhimbiri bwubwicanyi ntaho buzoca nakokwihenda bazogatoziminwe. mwame mugavye ntahumwansi azobaca. Murakoze.

  • bagiye baturiye ibintu na abantu none ngo lmbonerakure nimba arizo bahunze bahungiye imvura mu muvo

  • Uburundi mwarabuguze mwese muri munsi y ijuru mwoshaka mworeka kwishimira ikibi kuko upfuye aba azibiye ikinogo ciwe nawe utarashikigwa gwawe
    kiguma kikurindiriye Abanezegwa nukwo hariho abicwa canke abarko baraturatura
    kubera ubwo bukozi bw ikibi nkuwo avuze ngo bahunze bashaka kuja i Bulaya
    Uwundi ati baze tubereke
    Uburundi ntimwabuguze mwabusanze buriho muzobusigaho kandi mubusangiye
    n Abantu barenga imiliyoni Cenda N UBWA BARUNDI ABARIHO N ABAZOVUKA
    Nohanurako atakunezegwa n ikibi kuko nta nyungu kizana

  • Tubiravye Ahateye Amakenga Si Kumipaka Ya Congo Gusa Kuko Nongaha Turi Mumakambi Tanzania Haraho Tubona Abarundi Baza Munkambi Kandi Atama Kadi Bafise Rimwe Narimwe Akaba Ari Abadutoteza Muburundi!

  • Woko Iciza Hagukora Ikibi Ntacarusha Aba Jrr Kuri Uprona Mugabo Barajoboro Nizo Mbonerakure Za Nkuru Atariyo Ziza Kujoboroka.

  • Avamakuru yururupfu rwa jean de dieu kabura, yuzuyemwo ibinyoma gusa, ikindinuko Radio RPA/ abanyamakuru bavuze kwiyinkuru ntibatohoza neza, na Juma ndikumana yatanze amakuru yibinyoma, iyaba umuzi uwariwe. Juma ndikumana nimayibobo, escort, nubundi bubi bwishi bumwuzuyeko. Naho jean de dieu avurwako yamatahijoro/akarara muma snack bar, indaya, etc. amakuru nyayo muzoyabaze general buregeya yamwakiriye akiviburundi, bose baravuma koyari yarananiranye. Ntawuzi icamwishe kugezubu, kuko jean de dieu atarapfa yarivugiyeko atazi abamukubise, JUMA, GENERAL BUREGEYA, NINA umukobwa waburegeya, etc baravyiyumviye. ariko mureke kuvyuririrako mwitwaje inyungu za politike. Naho Juma ndikumana batazira GIPFAMUTIMA nigipfa mutima.

  • Avamakuru yururupfu rwa jean de dieu kabura, yuzuyemwo ibinyoma gusa, ikindinuko Radio RPA/ abanyamakuru bavuze kwiyinkuru ntibatohoza neza, na Juma ndikumana yatanze amakuru yibinyoma, iyaba umuzi uwariwe. Juma ndikumana nimayibobo, escort, nubundi bubi bwishi bumwuzuyeko. Naho jean de dieu avurwako yamatahijoro/akarara muma snack bar, indaya, etc. amakuru nyayo muzoyabaze general buregeya yamwakiriye akiviburundi, bose baravuma koyari yarananiranye. Ntawuzi icamwishe kugezubu, kuko jean de dieu atarapfa yarivugiyeko atazi abamukubise, JUMA, GENERAL BUREGEYA, NINA umukobwa waburegeya, etc baravyiyumviye. ariko mureke kuvyuririrako mwitwaje inyungu za politike. Naho Juma ndikumana batazira GIPFAMUTIMA nigipfa mutima.

  • Bibazwe KIVUME JUMAN NDIKUMANA kukamakuru yatanze nayibinyoma kubwinyungu ziwe, nabanyepolitike bomuri opposition bamuhenda. Igitanganje nukabamenyesha makuru baradio inzamba, nabandi batangamakuru yububeshi. Juma yarikenya aterefona BOB RUGURIKA arimurwanda, maze bob rugurika atabwenge nabuke asizemwo acakwiragiza amakuru yububeshi. Nivyiza kurondera inyungu ariko udacishije agatwe intungane ataruhare Naruto rwagize mubwicanyi. Muzotoheza neza, abagirizwa ntahobigize baba imbonerakure, imbonerakure zikenya zirazwi neza.
    Zamushika ahabereyibintu motohoza inkuru neza. Naho juma nimbariwe mwagije umunyamakuru azobata mukaga, kuko urestse ububeshi. Kwiba, hamwe nubwicanyi yagiyakora mubuzima bwiwe, nikijuju cambere. Yivugirako akorana na Gen. NZABAMPEMA, akamerako mukazikiwe kigisoda amaze kwica bantu badaharurika kandabahoye ubusa. Ayonamaraso yabo yishe arikwaramusaza. JUMA NIKIVUME!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.