Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe
 Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe
 Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe
				
				mercredi 3 Kigarama 2014
Abantu bagera kuri 36 nibo bagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere ushira uwa kabiri mu gihugu ca Kenya.
Abo bantu bagandaguwe n’intagondwa z’umuhari wa al shebab mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu kuri uyu wa kabiri Kigarama, bishwe n’izo ntagondwa zivuga ko zitwaza idini rya Islam. Inyuma y’ico gitero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yaciye abogozwa vyihuta n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta. Uwo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba Joseph Ole Lenku, akaba yabogojwe co kimwe n’umuyobozi mukuru w’urwego rw’igiporisi aho muri Kenya David Kimaiyo.
Uwo wanyuma, uretse ko yabogojwe, akaba yaciye anasabwa gutangura akaruhuko k’abageze mu zabukuru
Aristide Nizigire
