Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Ibikoresho bitandukanye vya gisirikare vyafashwe n’abaporisi
Kinindo : Ibikoresho bitandukanye vya gisirikare vyafashwe n’abaporisi
mardi 14 Nzero 2014
Ibikoresho vya gisirikare nivyo vyatowe n’igiporisi kw’isoko ya Kinindo n’igiporisi, amatohoza akaba yaciye atangura, kugira hamenyekane uwari abigenewe n’intumbero.
Amasasu, amahema y’igisirikare n’ibindi bikoresho nivyo abaporisi bafashe kw’isoko ya Kinindo kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 13 Nzero uyu mwaka w’2014. Abaporisi bakaba bavuga ko amatohoza ariko arabandanya kugira abazanye ivyo bikoresho bamenyekane n’intumbero vyari bigamije.
Ivyo bikoresho vya gisirikare bikaba bifashwe mu gihe, umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu gihugu, abajejwe intwaro n’umutekano badasiba gusaba abanyagihugu gusubiza ibirwanisho, nivyo vyose bikoresho vya gisirikare ku bushake bwabo, bitarinze gufatwa n’abababijejwe.
Mu gisagara ca Bujumbura co kimwe n’ahandi, hakaba ari hamwe mu bice vy’igihugu hakiri ibirwanisho biri mu banyagihugu, ugasanga bikoreshwa mu kwiba mu mazu y’abantu, gutegera abatahutse bakabibafatirako bagaheza bakasahure utwo bafise canke kwica uwo mutayaga muhuza.
Aristide Nizigire