IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinindo : Abanyagihugu basavye kumenyeshwa abahungabanya umutekano (...)

Kinindo : Abanyagihugu basavye kumenyeshwa abahungabanya umutekano wabo

samedi 8 Munyonyo 2014

Musitanteri wa komine Kinindo, Christine Inakanyana amenyesha ko abavuga ko hari imirwi y’abitwaje ibirwanisho yiyerereza muri komine arongoye ari ibihuha. Christine Inakanyana aragaruka ariko akemeza ko umutekano muri komine Kinindo utifashe neza.

Abanyagihugu bo muri komine Kinindo baratewe amakenga n’umutekano muke wibonekeza muri iyo komine. Mu nama y’umutekano yatunganijwe na musitanteri wa komine Kinindo, Christine Inakanyana, abanyagihugu basabwe ko hokorwa amatohoza akwiye, bakamenya abamaze iminsi bahungabanya mw’ijoro umutekano wo muri iyo komine. Musitanteri wa komine Kinindo, Christine Inakanyana yabwiye abanyagihugu bari muri iyo nama ko ibivugwa ko hari abantu bitwaje ibirwanisho barara baratembera mw’ijoro muri iyo komine ko ari ibihuha, ariko agahindukira akemeza ko umutekano w’iyo komine utifashe neza.

Bamwe mu banyagihugu bo muri komine Kinindo bamenyesha ko batangajwe n’iyo nama y’umutekano yatumiwemwo bamwe, abandi ntibanayimenyeshwe. Aha twobabwira ko abitavye iyo nama ari abanyagihugu bari bahawe ubutumire n’abakuru b’amakaritiye bo muri komine Kinindo.

Tubibutse ko mu nama yahuje abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuri uwu wa gatanu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazambanza yamenyesheje ko igiporisi c’Uburundi camaze kumenya iyo mirwi imaze iminsi ihungabanya umutekano. Nk’uko Prosper Bazombanza yabishikirije muri iyo nama, abo bitwaza ibirwanisho bagizwe n’imigwi ibiri y’abagizi ba nabi bimonogoje mu makomine ya KININDO na KANYOSHA yo mu gisagara ca Bujumbura. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza ati : "Umugwi wa mbere w’abo bagizi ba nabi ugizwe n’abarekuwe bahora mu munyororo mu mabohero atandukanye, bagaca basubira gukora ububisha.

Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko umurwi ugira kabiri nawo ugizwe n’urwaruka rutagira akazi rwo muma karitiye ya KAMENGE, NGAGARA, KANYOSHA, KININDO na BWIZA, rwikinga ijoro rukaja mu busuma mu kurondera kurya ivyo rutabiriye akuya.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.