Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kirundo: Imbwa zarateye mu banyagihugu
 Kirundo: Imbwa zarateye mu banyagihugu
 Kirundo: Imbwa zarateye mu banyagihugu
				
				vendredi 4 Nzero 2013
Kuri uno wa gatatu itariki ya 2 Nzero 2013,imbwa zitaramenyekana iyo zavuye zarateye amakomine atandukanye y’intara ya Kirundo.
Nkuko amakuru yavuye aho mu Kirundo dukesha mugenzi wacu akorera iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu Abraham Safari avyemeza,ngo izo mbwa zari nyinshi zoba zaje ziva mu gihugu c’u Rwanda.
Abajejwe intwaro mu Kirundo bakaba bamenyesha ko bariko baratunganya isekeza ryo guhiga izo mbwa,bakaba basaba kandi ko abo bose bazitunze bozigumiza imuhira bakongera bakazicandagisha.
Twobamenyesha ko izo mbwa zibonekeza mu ntara ya Kirundo mu gihe bihora bishika no muzindi ntara.
Joel Sengurebe

Messages
8 Ruheshi 2015, 15:13, par eric.s
nomumakomine nka busoni izombwa zarahabonetsecane kandi zaratumazeko ibitungwa kandinubu ziriho mugabo sicanekuko ntituzoroheye.