IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Inzara ishobora guhekura imiryango atagihindutse

Kirundo : Inzara ishobora guhekura imiryango atagihindutse

mercredi 7 Rusama 2014

Buramatari w’intara ya Kirundo arahumuriza abavuga ko umutekano ushobora guhungabana mu Kirundo, ariko akamenyesha ko uruzuba rwibonekeza muri iyo ntara rubandanije hashobora kwaduka inzara, nk’uko vyashikirijwe n’uwutwara intara ya Kirundo Révérien Nzigamasabo mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Inyuma yaho havugiwe umutekano muke woba uturuka ku mishamirano hagati y’urwaruka rw’Imbonerakure n’urwaruka rundi ruturuka mu yindi migambwe, buramatari wa Kirundo, Révérien Nzigamasabo, arahumuriza abarundi n’abanyamahanga ko ata nzu iriko irasha, umutekano wifashe neza muri rusangi mu ntara arongoye ya Kirundo.

Révérien Nzigamasabo aragabisha abo bakwiragiza ibihuha vy’umutekano muke ko bashobora kwitwarirwa. Muri iyo ntara ya Kirundo, hamaze iminsi kandi havugwa ko hoba harimbwe ibinogo vyo guhambamwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta. Uwo mutware yabihakanye ashimitse. Avuga ko intandaro ya vyose ari abanyeshure bo mw’ishure ryisumbuye ryo muri komine ya Bwambarangwe bagiye gufungura ikinogo cubatswe ku ntwaro y’abazungu bibaza ko hoba hari ubutare canke ubutunzi bwoba bwarasizweyo n’abazungu. Ati : "Ibinogo vyibonekeza mu Kirundo ni ivyimbwe na paruwase ya Kanyinya mu ntumbero yo kwubaka utuzu twa sugumwe rusangi."

JPEG - 48.5 ko
Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo

Kubwa Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo ni inzara ishobora gutera, kuko haheze indwi zitatu ata ma ry’imvura rikoroka. Amakomine abangamiwe cane abaka ari Busoni, Bugabira na Kirundo. Uruzuba rumaze imisi rubandanije, abanyagihugu ntaco bazimbura mu gihe hari hitezwe umwimbu w’ibiharage, ivyo navyo bigashobora gutera kigoyi mu Kirundo.

Mu ntumbero yo gutuza urwo ruzuba haratanguye umugambi wo gutera ibiti.
Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo ahamagarira abanyeporitike kugira ico baterereye kugira ingorane z’inzara zituzwe.


Isabelle Simbarakiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.