IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umwana w’imyaka 15 yagandaguwe na se afashanije na (...)

Kirundo : Umwana w’imyaka 15 yagandaguwe na se afashanije na mukase

lundi 11 Myandagaro 2014

Ikiziga c’umwana w’umuhungu w’imyaka 15 nico catowe iruhandey’inzu aho cahambwe na se hamwe na mu kase, mu ntara ya Kirundo.

Uyo mwana yahora yiga mu mwaka wa gatanu w’amashure y’intango, akaba yari yari yarabuzwe irengero haraciye igihe c’amezi atatu. Se w’umwana abajijwe igituma uwo mwana wiwe atakiboneka, yishura ko umuhungu wiwe ari umuyererezi, ko yagiye mu gihugu c’Urwanda kurondera akazi. Inyuma y’iminsi itari mike, abariko barubaka inzu, bakaba aribo bahumutse ku gahuzu uyo mwana yahora yambara, kari aho yafubwe. Abo bariko barubaka iyo nzu, bakaba baciye babubzwa kubandanya bimba na mu kase w’umuhisi. Abo bariko baragira umushinge w’inzu, bakaba baciye banyarukira ku giporisi kubivuga.

Musitanteri wa komine Kirundo ari kumwe n’abajejwe umutekano, bakaba baciye batanga itegeko ryo kwimba muri ico kibanza, kugira barabe ikiriyo. Bakaba basanze uwo mwana yaramaze kwononekara, aho yahambwe mu mpuzu yari yambaye. Naho se w’umwana yabanje kurahari nabi ko atari we yikoze mu nda, akaba mu nyuma yaravyemeye, aho yivugiye ko ari we yinigiye iyo mfura yiwe. Uwahora yigisha uwo mwana co kimwe n’ababanyi eka n’umuryango nyina w’amaraso w’umwana yavukamwo, bakaba baguma babaza iyo umwana yaroye, ariko yaba se w’umwana canke mu kase, bose bakemeza ko uyo mwana yari yaranyikiye mu Rwanda.

Uwo mwana akaba yari yabuzwe irengero ku wa14 Rusama uyu mwaka. Ikiziga c’ico kibondo, kikaba cahambanywe iteka kuri uyu wa 10 Myandagaro uyu mwaka. Abo bagizi ba nabi bose ukwo ari babiri, bakaba bariko baragirwako amatohoza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.