IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ku biyunguruza n’amabisi mu gisagara ca Bujumbura ni akarusho

Ku biyunguruza n’amabisi mu gisagara ca Bujumbura ni akarusho

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruhuhuma umwaka w’2013 , niho ingingo yo kugarukana ibituro vy’amabisi aho vyahoze mu gisagara ca Bujumbura hagati, yatanguye kuja mu ngiro. Iyo ikaba ibaye imwe mu nyishu z’ingorane nyinshi abanyagisagara bahitiyemwo, inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera (Hari kw’igenekerezo rya 27 nzero uno mwaka turimwo.)

JPEG - 37.7 ko

Abashoferi b’ayo mabisi, bavuga ko iyo ngingo ije kubatezurira, kuko bemeza ko aho bari bimuriwe hari kure, bigatuma bakora bahomba, kuko abenshi bahora baca bahitamwo kwiyunguruza bakoresheje amapikipiki canke amatagisi. Ubu rero ngo naho ariho bagitangura gukora, barabona ko abiyunguruza batanguye kwiyongera, bigatuma batagiteba ku bituro.

JPEG - 32.1 ko

Kuruhande rw’ingenzi ho, ngo kugarukana ivyo bituro aho vyahoze ni vyiza, ariko ngo vyoba vyiza kuruta n’isoko isanuwe vuba. Ivyo babibona uko kubera ko batishimiye kubona ibituro vyirebanga atanuko bari busumire hafi y’aho nyene baba bashikiye.

Ariko naho biri uko, barashima kuko ngo bigiye gutuma batagicererwa kubuzi bwabo bwa misi yose.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.