Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ku myaka 76 y’amavuka, umukuru w’igihugu ca Algeria yasubiye kwinjira (...)
 Ku myaka 76 y’amavuka, umukuru w’igihugu ca Algeria yasubiye kwinjira ibitaro
 Ku myaka 76 y’amavuka, umukuru w’igihugu ca Algeria yasubiye kwinjira ibitaro
				
				mercredi 15 Nzero 2014
Umukuru w’igihugu ca Algeria Abdelaziz Bouteflika yasubiye kwinjira ibitaro, aho ubu ariko avurirwa mu bitaro vy’abasirikare vya Val-de-Grâce mu gihugu c’Ubufaransa nk’uko ayo makuru atangazwa n’abakora mu biro iwe.
Yinjiye ibitaro kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Nzero, biikanurwanurwa ko ashobora kuvurwa gushika ku wa 17 Nzero uyu mwaka nyene. Amagara y’uwo mukuru w’igihugu bivugwa ko ubu yifashe neza bukebuke, ndetse bamwe mu bo mu muryango wiwe bikavurwa ko boba bari muri imwe mw’ihoteri y’i Paris, kugira baze barakurikiranira hafi ibijanye n’amagara y’uwabo.
Bouteflika amaze imyaka 76 y’amavuka, akaba agira gatanu mu bakuru bamaze kurongora igihugu ca Algeria, ndetse akaba amaze imyaka 15 ari ku butegetsi bw’ico gihugu. Ariko rero kuva mu kwezi kwa Ndamukiza k’umwaka uheze w’2013, akaba amagara yiwe atifashe neza, aho aza arinjira mu bitaro, canke akarwarira iwe. Ku wa 17 Mukakaro igihe yari atahutse iwe avuye mu bitaro, bikaba vyaragaragara ko agoyagoya, naho yagerageza kwiyerekana mu banyagihugu nk’umuntu akomeye kandi yakize.
Aristide Nizigire
