Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kubona David Beckham nikibazo
 Kubona David Beckham nikibazo
 Kubona David Beckham nikibazo
				
				jeudi 20 Ruheshi 2013
Kugira babone imbona nkubone David Beckham, hari abashinwa bakoreresheje uburyo bwose. Baremera nuko ubuzima bwabo bugeramirwa kugira bamukubite ijisho vyonyene.
 
- Umusunikano wavuyemwo akaguma
David Beckham ntagikina muri PSG ariko « umuti » wo gukundwa wo uracari kuri we. Iyo ari ubu mu gisagara ca Shangaï ka wuserukira ihiganwa ry’Ubushinwa, uwo mukinyi yagiye yakukurutse akiri muto yatumye haba ikaguma aho yaca kuri kaminuza ya Tongji. Ako kaguma kakaba katumye hakomereka abantu bagera kuri 7. Babiri muribo akaba ari abapolisi. Vyari biteguwe ko akina urukino muri ico gisagara ca Shangaï. Ariko kubera ivyo vyabaye urwo rukino rukaba rwaciye rusibishwa.
 
- Umwe mu bapolisi babiri bakomeretse
Luc-Noël INGABIRE
