Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kuvuga« Oya» mu biro si ibintu vyoroshe
 Kuvuga« Oya» mu biro si ibintu vyoroshe
 Kuvuga« Oya» mu biro si ibintu vyoroshe
				
				samedi 26 Nzero 2013
Abantu benshi mu myaka ya mbere y’ubuzima iba ari imyaka yo kwiga,hamwe no kwiga kubana n’abandi.Ivyo bisigura ko umuntu yerekana ko yubaha,agendera ku mategeko y’aho abaye,yiyoroheje,anezereza,yubaha abamwubaha n’ibindi.
Nivyo ivyo biratuma umuntu amenya kubana n’abandi mu mugwi, ariko rero n’ivyo nyene biratuma umuntu asigarana imyifato imwe nk’iyo abantu bakuze.
Kuri bamwe birabagora kuvuga oya.None umuntu yoreka kubivuga kubera indero yaronse canke yovuga oya igihe bikenewe ? Mu yandi majambo kuvuga Ego biroroshe mu gushigikira iciyumviro c’umuntu.
Ubwa mbere umuntu yomenya ko hariho ibihe vyoroshe kuvuga Oya.Aha ni igihe nk’umuntu akubajije nimba woshobora gukora ikintu ubona ko kidashoboka,ahandi vyoroha kuvuga Oya ni igihe cose ikibazo babajije umuntu kiba cumvikana neza bigatuma ubona neza ko witeguriye kwemera canke guhakana.
Mu gihe rero umuntu avuga Oya incuro nyinshi, bituma uko hahera igihe vyoroha kuvuga.Mu gushobora kuvuga Oya mu buryo butarimwo amakenga umuntu yokwimenyereza kuvuga Ego igihe cose bishoboka.Igihe rero umuntu avuga Oya incuro nkeya,bituma iryo jambo riba iriciye mu mategeko kandi rikagira agaciro.
Kuri ivyo rero, biboneka ko abo bakunda kuvuga Ego, aribo batuma bigorana kuvuga ijambo Oya.
None umuntu yofata iki akareka iki ?
Marie Claire Ingabire
