IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Léonce NGENDAKUMANA : Ibiriko biraba twari twarabivuze

Léonce NGENDAKUMANA : Ibiriko biraba twari twarabivuze

vendredi 16 Gitugutu 2015, par egide

Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU amenyesha ko arajwe ishinga n’amaraso y’abarundi abandanya guseseka, akavuga ko ibiriko biraba yari yaragabishije ko bishobora kuba.

Kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015, imigambwe irenga mirongo ibiri itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD yarandikiye inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bagabisha ko hashobora kuba ubwicanyi mu Burundi. Léonce NGENDAKUMANA akavuga ko ivyo bagabisha arivyo biriko biraba ubu. Uwo arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU n’urunani ADC IKIBIRI anegura ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritaciye riva hafi kugira rikinge ubwo bwicanyi bwa poritike ntibuzobe.

JPEG - 93 ko
Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Léonce NGENDAKUMANA aratera ivyatsi ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu icenda mu Ngagara kuri uwu wa kabiri, akiyamiriza insiguro zatanzwe n’umuvugizi w’igiporisi zivuga ko abagandaguwe bahitanywe n’amasasu y’igiporisi cariko kirasana n’abagizi ba nabi. Kubwa Léonce NGENDAKUMANA, igiporisi cari kwerekana imivyimba y’abo bagizi ba nabi bishwe, hamwe n’ibirwanisho bafatanywe.

Uwo mukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ahamagarira abarundi bose, akarere, hamwe n’amakungu, gukora ibishoboka vyose kugira ubwicanyi bukorwa mu Burundi buhagarare.


IGIHE

Messages

  • UBWO,BWICANYI LEONCI AVUGA ARABUFISE MWURUHARA TURAZIKO ASHIGIKIYE ABICANYI

  • mbe leonceuribagiye 93 mukamenge utuzaniye inko ivyowa tubwira

  • Nagahomerabunwa,naho mwicana ntayo muzoshirana kandi iciza ino si ntamuntu azoyimarako imyaka ijana,umugabo nyamugabo nuwama avuga ukuri kandi akama arwanira amahoro ahari hose.

  • amakungu yarahevye abarundi

  • CNDD niyemere bayigishe politique naho ubundi aho bukera birabakomerana ntabwo ushobora kwica abantu bose ngo nuko batavuze rumwe nawe!!!

  • mbe léonce uribagi 93 mukamenge mutuzanira ibigwanisho mwatubwi gute sanze abahutu nimuherenze abatutsi nibobafise isiyasayogutwa nokwica namakuguntamenyenaki mwe nayoabahutudavyabo

  • NANJE MVUGA NKAWE.MBEGA NIRYARI IGIPOLISI KIZOVUGA UKURI?IKIMBABAZA NUKO KIDATANDUKANYE NAKA NAGATO NUMUGAMBWE CND-FDD

  • Mbega nyene leonce arihe? nyagupfa nkabandi

  • ewe leonce uraciye ubwenge ubu urerets amakungu na barundi integuro mwateguriye hamwe n,aba birigi kugira babandanye babaha ibigwanisho.Menya neza abarundi twarabahinye umunsi amahera yikase mubanywanyi muzosigarana gusa bureau abandi twaragi
    ye kandi uramaze kubibona ndadaye azutse yobamarira mugashO KUKO MWAMUHEMUKIYE.

  • ewe leonce uraciye ubwenge ubu urerets amakungu na barundi integuro mwateguriye hamwe n,aba birigi kugira babandanye babaha ibigwanisho.Menya neza abarundi twarabahinye umunsi amahera yikase mubanywanyi muzosigarana gusa bureau abandi twaragi
    ye kandi uramaze kubibona ndadaye azutse yobamarira mugashO KUKO MWAMUHEMUKIYE.

  • Karasizingani Igihugu Kigwe Mumanga Abantu Basemerera N,amakungu Hejuru Y,ubukunzi bwinda!!!

  • leonce wewe vugamake urikijuju nkijipo.wacihuturewe.ushaka aba polisi bagume bicwa nkabana bimbeba kandinabo bashoboye kwirwanira?vyarashitse hagapfa nabanyagihugu ntakundi.aho inzovu zirwaniye ubwatsi nibwo buhahonera.

  • leonce wewe vugamake urikijuju nkijipo.wacihuturewe.ushaka aba polisi bagume bicwa nkabana bimbeba kandinabo bashoboye kwirwanira?vyarashitse hagapfa nabanyagihugu ntakundi.aho inzovu zirwaniye ubwatsi nibwo buhahonera.

  • leonce wewe vugamake urikijuju nkijipo.wacihuturewe.ushaka aba polisi bagume bicwa nkabana bimbeba kandinabo bashoboye kwirwanira?vyarashitse hagapfa nabanyagihugu ntakundi.aho inzovu zirwaniye ubwatsi nibwo buhahonera.

  • leonce wewe urikintazi wacihuturewe ivyawe turabizi.mbe iyo onu kutayibwiye icenda nagatatu?wewe wanse kudufasha urugamba twigira mwishamba ugumana ninyenzi none wabuze icufata nicureka?wewe ntanabanwanyi ufise tekereza.ntahutaniye na nyangoma igihemu

  • Uyi Leonce ni imbwa yujuje ibyangombwa kabisa. Amateka ntacyo yamwigishije ameze nka Twagiramungu cg Kanyarengwe bo mu Rwanda..

  • Leonce Ngendakumana ngo ibirikobiraba ngotwaritwabivuze kotuzibikora, ndagusavye nturegure komeza ubikore.

  • ivyo muvuga vyose mumenye ko ibiba byose bibera i Bujumbura mu murwa mukuru w i Burundi cndd fdd izobibazwa kuko intandaro ya byose nukutubahiriza ibwirizwa shingiro na Arushya

  • Inyishu nimwe gusa,kubarundi bose.nukwubaha inzego zihari,uko mwozita kwose mugomba kuzubaha,

  • Leonce niwe usigaye avugira ba Sindumuja bashaka kurangiza umugambi wabo wa 72-93. Ibicucu biragwira Leonce we ni Igihwagari!!

  • Leonce ntahataniye numunyahihugu mperutse kwumva yemanga avugango abapolisi bahamagaye abantu ngobadafise icobiyagiriza ngobasohoke ngononeho umukozi wa radio television yuburundi acarasohoka amanitse amaboko ngwabapolisi bacabaramurasa ! Jewe mazekwumva ivyuwomunyagihugu wumukenyezi avuze naciyenumirwa aho abantubose baribinyegeje musi yubutanda arikowewe ahabayariyagiye kuzarakurikirana abariko baramanika amaboko baraswa , ndababwirako izomvugo mwigishijwe nabakozi ba Satani zirabamarako abanyu mubona! Ntasoni!?

  • ubahiriza ibwirizwa shingiro na ARUSHYA AMAHORO aracya aboneka mu Burundi kuko niho intandaro yamatati ipfundikiye

  • Jewe nshaka kubaza ikibazo, mbega ni kubera iki ama comentaires menshi asigaye yandikwamwo ikinyarwanda cinshi? Abanyarwanda basigaye bakunda amakuru y’ i Burundi kurusha abarundi?musubiremwo neza mwese murabe amakuru igihe yandika n’abagira ama commentaires hanyuma mugire ico mubivuzeko.

  • Mbega Mwabantu Mutuka Leonce Murinindero??? Ndabona Munyandiko Ko Benshi Arabanyagwanda!!! Nivyo Ibiriko Biraba Yari Yabivuze Atako Arahakwa Kubizira Ngo Yabareze Muri ONU! IKEBUKE KUMARABANTU NTACIZA NIMIGISHA BIZOTANGA!!

  • mana fasha uburundi nabarundi ahasigaye nahimana,

  • mana fasha uburundi nabarundi ahasigaye nahimana,

  • ishirahamwe mpuza makungu rijejwe umutekano kw’isi rishigikiye umugambi wo kuvyara kurugero. nico gituma atihuta gutabara ahari intambara izagutabara yabonye igitigiri yifuza kigezweho. Gakozi E i Pretoria.

  • ishirahamwe mpuza makungu rijejwe umutekano kw’isi rishigikiye umugambi wo kuvyara kurugero. nico gituma atihuta gutabara ahari intambara izagutabara yabonye igitigiri yifuza kigezweho. Gakozi E i Pretoria.

  • Mbega abarundi erega Peter yijije interahamwe muburundi nizo zamaze abanyagihungu ni nazo zihindura abarundi zigatukana leta zose mbi iyo zigiye kuhamva zisiga zimaze abenegihungu

  • Kubwanje bivanye nivyo mbona muri kino gihe,mbona abanye politike bose ko bohagarika kugirira nabi abene gihugu,kuko bose ubiravye womengo nta vyiza nashaka ku gihugu.murakoze

  • ali leonce nikijuju kweli ntaranamenya abishe ndadaye , icyo bamwiciye , kiracyaliho nanuyumunsi , icyo genocide ya 72 ninacyo bashaka uyu munsi

  • NTIMUTANGAZWE NUKUBONA ABANDIKA HANO BENSHI BASIGAYE BANDIKA ARI ABANDIKA IKINYARWANDA! EREGA NIMBA MUTARABIMENYA UBU INTERAHAMWE NIZO ZISIGAYE ZIBERA MU BURUNDI HAMWE NA EX FAR TUTIRENGAGIJE FDLR. UBU NIBO BICA BAGAKIZA, IKIBABAJE NUKO BARIKO BARADUSAMBURIRA IGIHUGU, BONGERA AMACAKUBIRI MU BANYAGIHUGU.

  • LEOSE,GENDAKUMANA,ARABESHA,YARAGIYE,KURYA,INYAMA,MUBIRIGI,AZOGARUKA,NIZAHERA,

  • abany musaga dufatan mund nka ba ereshabab

  • Abantu mwese mwirwa muvuga ngo Peter yinjije interahamwe murabeshya mwa ba sans Echec mwe. Ntacyo muzamutwara koko muzahinduka ivu rikajugunywa mumigezi. Mushatse mwajya mumakambi mu Rwanda sowanyu inkoramaraso Kagame
    afite impengeri zo kubaha. Aho kubuza abarundi amahoro nimusange abanyamurenge mu Rwanda.

  • WEWe wiyita kanyosha vuga make ntabanga ryaba dd mwarinze mwica ababikira!! Adolphe mukamwizibiza gko yamaze abantu hasigaye wew naw leonce yar yarabivuze .UBU MUZOKWIYICANIRA KUBERA INDA ZANYU.MWARAGOWe kwek kuvu mur mw ishamba mwib mwica ntimurahaga?"

  • nagira mpanure reta kugira ikingire umunyagihugu ataco azira nifate za mikoro isemerere izuba ziva uwataco yiyagiriza ave mwayo makartiye igi porisi kihakosore abo bicanyi bihisha mubanyagihugu barabe kobadaca bafatwa abanyagihugu nabo bazohakurisomo ryo kubika inkozi zikibi bahunguts basanze ivyabo vyaracuzwe nizo nkozi zikibi nimba abanyagisagara batari bwabone intambara barabaza abanya cibitoke ubu umunyagihugu wo mucibitoke nuwo yiketse abimenyesha ubutegetsi kuko ntanumwe agishaka intambara abahutu nabatutsi dufatanye munda rero nkebure reta abo bacangero bari mwayo makartiye batandukanye nabanyagihugu murabe ko bujumbura idakira rewonse we murumva ko yiyemerera ko yarabizi nahubutungane busaba bumurengute avuge uko yari yarabiteguye ko uburundi bwose hari abaporisi ko ntawe umuporisi asindira atakoze ikosa none iyo reta yokwinjira muyindi ninde yoyemera canke akemera ko karitiye3cankec4 zigenga ntibibaho

  • nonewewe ikindi urik’urakora atarakarimi nigiki? ubu urihe? nugutabaza aho mwokwigwaniye? ubuho haramukiwe abategetsi

  • None ko hari uwuriko avugako aba dd aribo biyicanira, abaza bavuye mu Rwanda baje gutera intambara n’aba dd baba baje kwica abandi ba dd? Agatoke kamenyereye gukomba kama gahese. Ariko muze muribuka ko 2015 idasa na 1972. Abarundi barateye intambwe mu bijanye na politique.

  • Government of east Africa should run very first to stop the killings which is happening in Burundi mostly in hamites

  • @Bizowabizp bizos
    "Jewe nshaka kubaza ikibazo, mbega ni kubera iki ama comentaires menshi asigaye yandikwamwo ikinyarwanda cinshi ? "
    Mbe wewe n’ubwambere wumva ko hari abazi kuvuga indimi nyinshi? Hari abavuga ikirundi, bagashirako ikibembe, bakongerako igiha, igifaransa, ikingerenza, igiswahili mbere n’icarabu! Urabaza Rukara indimi avuga ingene zingana! Uzokwumirwa!!!

  • Ewe Léonce Ushake Ugire Umuhanuzi Mubi Wugushuka Urwaruka Bizomenyekana Umenye Neza Ko Rwica Rutamarira Imana!Amaraso Arahuma .Gusa Ico Tuzi Akarimi Kavuga Inagore Karagororoka.Wait Léo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.