IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Leta idashoboye kugenzura uruja n’uruza rw’ivyinjira, nireke abadandaza (...)

"Leta idashoboye kugenzura uruja n’uruza rw’ivyinjira, nireke abadandaza bakore"

mercredi 2 Gitugutu 2013

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Miburo Emmanuel asaba Leta ko namba idashobora kugenzura uruja n’uruza rw’ibidandazwa vyinjira mu Burundi, yoreka abadandazwa bakikorera akazi, ntibarwe mu mporera.

Jeacques Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Miburo Emmanuel amenyesha ivyo mu gihe haherutse kuboneka ukunyinyurana hagati y’abagore bandaza ibitenge mw’isoko yo mu Buyenzi benshi bita kwa "Siyoni". Intanduruko ya vyose, ni igipolisi kiri kumwe n’abakozi b’ikigo kijejwe gutororokanya amakori ya Leta OBR (Office Burundaise des Recettes) cari kije gusaka ububiko bw’ibitenge bivugwa ko vyinjira kuri magendu. Abagore badandaza ivyo bitenge baranse ko igipolisi kibasaka, bakemeza ko n’aho ivyo bitenge vyinjira kuri magendo, babifadikanyamwo n’abo bakozi ba OBR.

JPEG - 17.7 ko
Jeacques Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Miburo Emmanuel

Kubwa Jeacques Bigirimana, Leta niyo yari ikwiye gutunganya ingene abo badandaza batanga amakori, kuko atawe biraboneka ko yagararije kuyatanga. Leta yohanura OBR ireke gukoresha inguvu, ahubwo yereke abo badandaza uburyo boza barinjiza ibidandazwa vyabo, barishe n’iryo kori. "None namba badatanga amakori, OBR yakoze iki batarinze gukoresha inguvu? Namba Leta idashobora gutunganya uko abo badandaza botanga amakori, nibabareke bikorere akazi."

Umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Emmanuel Miburo amenyesheje ivyo mu gihe ku munsi w’ejo, abadandaza bose bo kw’isoko yo kwa "Siyoni" bahagaritse akazi ku munsi w’ejo mu ntumbero yo kwifadikanya na bagenzi babo badandaza ibitenge bafunzwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.