IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Leta y’Uburundi yiteguriye kurwanya ihohoterwa rikorerwa abana

Leta y’Uburundi yiteguriye kurwanya ihohoterwa rikorerwa abana

dimanche 16 Ruheshi 2013

Igenekerezo rya 16 Ruheshi ni umusi wahariwe gukingira umwana wo muri Afrika. Mu Burundi uwo musi uhimbajwe mu gihe abana bakoreshwa mu buzi bakiri bato abandi nabo bakava mu mashure bakiri bato bakaja mu bisagara kuronderayo ubuzi.

Icegeranyo cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF cerekana ko mu Burundi umwana umwe kuri batanu bo mu myaka iri hagati y’itanu gushika kuri cumi n’ine bakora ubuzi kugira bashobore kwitunga, ivyo navyo bikabaka uburenganzira bwo kuja mw’ishure nk’abandi.

Ibikorwa bitandukanye abana bakoreshwamwo bikaba ari ibikorwa vyo mu nzu, gufyatura amatafari, gucukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi, kwikorera imizigo, gukoreshwa mu mirima n’ibindi. Hejuru y’ivyo. Abana batari bake barakorerwa amabi bakongera bagahohoterwa iyo batabafashe ku nguvu.

Mu ntumbero yo guharanira ineza y’abana, Leta y’Uburundi, biciye ku bushikiranganji bw’abakozi n’akazi bariko barakora ibikorwa bitandukanye mu gutuza ihohoterwa ry’abana. Aho twobabwira amategeko abakingira ariko arasubirwamwo, nk’akarorero amasezerano mpuzamakungu 138 na 182 y’imyaka isabwa kugira uwo twokwita umwana aronke uburenganzira bwo gutangura akazi, n’ingene yofatwa mu kazi.

Ntitwokwibagira kubamenyesha indinganizo 2010-2015 y’ibikorwa bijanye no guharanira ineza y’umwana no gukinga ingorane ashobora guhura nazo zikamubuza gukurira mu bwisanzure bumutuma kazoza kiwe kaba keza. Tubibutse ko hariko harategurwa n’urwego rw’abana, aho hazotorwa abana baserukira abandi mu gihugu cose, urwo rwego rukaba arirwo ruzohora rushikiriza ibibazo vy’abana abafata ingingo kugira babikorereko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.