Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Leta ya Congo isabwa kwongera kuganira na M23
 Leta ya Congo isabwa kwongera kuganira na M23
 Leta ya Congo isabwa kwongera kuganira na M23
				
				vendredi 6 Nyakanga 2013
Abategetsi b’ ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini bari mu nama i Kampala, bavuze kw’ivyo biganiro hagati ya Leta ya Kinshasa na M23 bitorenza ikiringo c’indwi zibiri.
Ibiganiro vyari vyatanguye hagati ya Leta ya Congo n’uwo muhari M23 mu ntumbero guhagarika intambara, vyarahagaze kuva mu kwezi kwa Rusama. Umukuru w’igihugu Uganda Yoweli Museveni, ayoboye inama y’akarere, yavuze ko kuvyura ivyo biganiro vyocira inzira amahoro. Icuka kibi cakomeje kwiyongera mu karere, aho Urwanda rwagirije Kongo ko yarashe ku butaka bwarwo. Urwanda, rwagirizwa gufata mu mugongo umuhari M23, rwashize ingabo ku rubibe bihana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Ku ruhande rw’umurwi M23 bo bavuga ko biteguye gutangura ibiganiro na Leta ya Kinshasa, ndetse n’intumwa zabo ngo ziri i Kampala.
Aristide Nizigire
