Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Akajagari kasubiye kwaduka i Benghazi
 Libiya : Akajagari kasubiye kwaduka i Benghazi
 Libiya : Akajagari kasubiye kwaduka i Benghazi
				
				lundi 10 Ruheshi 2013
Umukuru w’igisirikare ca Libiya yategetse abasirikare biwe gufata ibigo vyose bitegekwa n’umurwi w’abarwanyi mu gisagara ca Benghazi.
Vyakurikiye urupfu rw’abantu mirongo itatu muri ico gisagara ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2013. Ababa muri ico gisagara bamaze igihe basaba ko umurwi w’abarwanyi Libiya Shield wosamburwa, uwo murwi ukaba ushigikiwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.
Igihe abanyagihugu bafata urugendo berekeza ibigo bibamwo abarwanyi b’uwo murwi kuri uyu wa gatandatu mu gitondo, hadutse itana mu mitwe ryaheze ari uko abasirikare ba Leta bashitse mu masaha y’umuhingamo w’uyo wagatandfatu nyene igenekerezo rya 8 Ruheshi.
Abamenyeshamakuru bavyiboneye bavuga ko Leta itarafata ingingo yo gusambura uwo murwi canke iyindi mirwi nk’iyo.
Floxella Karire
