Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha
 Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha
 Libiya : Benghazi iciro ry’umugani ku bubisha
				
				mardi 29 Ndamukiza 2014
Mu gihugu ca Libiya abasirikare babiri bagandaguwe abandi babiri barakomereka, mu gitero cagizwe ku basirikare i Benggazi, nk’uko aya makuru ava mu gisirikare co muri ico gihugu.
Umuduga uri mu bwoko bwa voiture waturikiyemwo igisasu hafi y’abasirikare bacungereye ikibuga c’indege c’i Benghazi, nk’uko vyamenyeshejwe na bamwe mu basirikare batashatse ko bavugwa amazina bakorera muri ako gace, ko bagenzi babo babiri bitavye Imana mu gihe abandi nk’abo bakomeretse cane.
Mwomenya ko no mu bitaro Al-Jala i Benghazi bamenyesheje urupfu rw’abasirikare babiri. Kuva Mouammar Kadhafi atembagazwa ku butegetsi mu mwaka w’2011, akarere ku Buseruko bw’ico gihugu ca Libiya, kakaba karabaye iciro ry’umugani ku bitero vy’agasakisaki biguma bihabera, aho abantu batandukanye baguma bahasiga ubuzima, ivyo bitero ariko kenshi, bikagirwa ku baporisi. Mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze, abantu 13 bakaba baragandaguwe muri ubwo buryo, bwabihevyi.
Aristide Nizigire
