Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya isaba guhabwa amatungo Kadhafi yanyegeje muri Afrika y’epfo
 Libiya isaba guhabwa amatungo Kadhafi yanyegeje muri Afrika y’epfo
 Libiya isaba guhabwa amatungo Kadhafi yanyegeje muri Afrika y’epfo
				
				dimanche 2 Ruheshi 2013
Igihugu ca Libiya casavye Leta ya Afrika y’epfo ko yobafasha kugarukana amafaranga arenga umuliyaridi w’amadolare yoba yanyegejwe na Colonel Mouammar Kadhafi muri ico gihugu caAfrika y’epfo no mu bindi bihugu bibanyi.
Nk’uko tubikura mu kinyamakuru « Sunday Times », abategetsi bo mu gihugu ca Libiya batanguye kubisaba igihugu ca Afrika y’epfo kuva mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo umwaka w’2012, inyuma y’ikomborwa ku butegetsi rya Mouammar Kadhafi, akagandagurwa mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011 habanje kwaduka imigumuko y’abanyagihugu bafashijwe n’inzego zo muri OTAN.
Amakuru yo kwizerwa akamenyesha ko igihugu ca Afrika y’epfo kitari cashigikiye ko OTAN itabara mu gihugu ca Libiya.
Umuvugizi w’umushikiranganji w’ikigega ca Leta mu gihugu ca Afrika y’epfo, Pravin Gordhan yabwiye abamenyeshamakuru bo ku kinyamakuru « Jabulani Sikhakhane » ko bariko barasuzuma ko ivyo bisabwa n’igihugu ca Libiya bifise ishingiro.
 
- Umuvugizi w’umushikiranganji w’ikigega ca Leta mu gihugu ca Afrika y’epfo, Pravin Gordhan
Yamenyesheje ko yaronse co kimwe n’umushikiranganji w’ubutungane ikete rimusaba ko igihugu ca Afrika y’epfo cokorana na Libiya mu bikorwa vyo kurondeza no kugarukana amafaranga n’ayandi matungo yose vyoba vyari bitunzwe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Libiya Mouammar Khadafi, umuryango wiwe canke abari bamwegereye vyoba vyanyegejwe muri Afrika y’epfo canke mu bindi bihugu biri hafi ya Libiya.
Abariko bakora amatohoza y’aho Kadhafi yoba yaranyegeje ayo matungo bamenyesheje ko bisunze inkuru bahawe na Abdallah al-Senoussi yahora ari mu bategetsi bo mw’igendereza ko ntwaro ya kadhafi, bizeye kuzogaruza amafaranga y’amadolare agera ku muliyaridi, inzahabu, diyama vyoba vyanyegejwe muma banki ane n’ayandi mashirahamwe ashingura ibikoresho vy’agaciro yo mu gihugu ca Afrika y’epfo.
Uwo yahoze ari umukozi w ‘igendereza ari nawe yatanze ayo makuru yamenyesheje ko vyinshi muvyanyurujwe na Colonel Mouammar Kadhafi vyoba vyanditswe kw’izina ry’intwazangabo yo kw’ipete rya jenerare, inarume wa Kadhafi.
 
- Abdallah al-Senoussi yahora ari mu bategetsi bo mw’igendereza ko ntwaro ya kadhafi
Tubamenyeshe ko Abdallah al-Senoussi nyene gutanga ayo makuru yahagaritswe mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’2012 yagirizwa ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu. Ubu akaba arindiriye gucibwa urubanza na Sentare mu gihugu ca Libiya.
Egide Nduwimana
